Ivyakozwe N’intumwa 26
26
Paulo yiregura imbere ya Agiripa
1Agiripa abarira Paulo, at’ Uremerewe kwiregura. Maze Paulo aramvura ukuboko, ariregura,
2at’ Ivyo narezwe n’Abayuda vyose, mwami Agiripa, numva nnezerewe kw ari wewe ngira mvyiregureko uyu musi: 3kandi cane‐cane kuk’ uzi imigenzo n’impāri vyo mu Bayuda vyose: ni co gitumye nkwinginga ngo wihangane, unyumvirize.
4Ingeso zanje, uhereye mu buto bganje, izo nārukanye mu bgoko bgacu n’i Yerusalemu, Abayuda bose barazizi. 5#Ivyak 23:6; Flp 3:5.Kandi bokwemera kubishingira intahe, baranzi, uhereye mbere na mbere, yuko nar’ Umufarisayo wo mu muce urusha iyindi yo mw idini yacu gushimikira imigenzo. 6#Ivyak 28:20.None mpagaze ngo ncirwe urubanza, kuko nizigira kuzobona ivy’ Imana yasezeraniye ba sogokuruza: 7#Ivyak 24:15.ivyo imiryango yacu cumi n’ibiri yizigira kuzobona, ikorera Imana ishizek’ umwete mwinshi ku murango no mw ijoro. Kandi ni kubg’ ivyo vyizigiro ndezwe n’Abayuda, mugenzi! 8N’iki gituma mugira ngo n’ikintu kitoruha cemerwa kw Imana izura abapfuye?
9 #
Ivyak 9:1-29; 22:3-21. Nanje ubganje nahora niyumvira muri jewe yuko nkwiye gukora vyinshi birwanya izina rya Yesu Umunyanazareti. 10Kand’ ivyo narabikora nyene nd’i Yerusalemu, ngashira abera benshi mu mabohero, mpawe ubushobozi n’abaherezi bakuru, kand’ aho bābica, nanje nishira mu bemera ko bicwa. 11No mu masinagogi yose nābahana kenshi, nkagerageza cane kubatukisha Yesu; kandi kuko nasazwa cane mbazira, narabatuza no gushitsa mu bisagara vy’abanyamahanga.
12Ngikora ivyo, nja i Damasiko mpawe ubushobozi ndungitswe n’abaherezi bakuru. 13Nuko mugenzi, nkigenda mu mashōka, mbona umuco uvuye mw ijuru, urusha ukw izuba rica ibibatsi, unkayanganira irya n’ino, twe n’abo tugendanye. 14Twese twikubise hasi, numva ijwi rimbgira mu rurimi rw’Igiheburayo, riti Sauli, Sauli, umpīgira iki? Erega birakugoye gutera imigere ku mihunda. 15Nanje ndabaza, nt’ Uri nde ga Mwami? Umwami aranyishura, ati Ndi Yesu, uwo urik’ urahīga. 16#Ezk 2:1, 3.Ariko va hasi, hagarara n’ibirenge vyawe: kukw igitumye nkwiyereka, ar’ukugira ngo ngutoranye nkugire umukozi wanje n’icabona co gushingira intahe ivy’ umbonanye, n’ivyo nzokwiyerekeramwo; 17#Yer 1:7; 1 Ngo 16:35.ndagukize abo mur’ ubu bgoko bo n’abanyamahanga, ni bo ngutumyeko, 18#Gus 33:3; Yes 35:5; 42:7, 16; Ivyak 20:32; Ef 2:2; Kol 1:13.kubahumūra amaso kugira ngo bahindukire bave mu mwiza baje mu muco, bave no mu bubasha bga Satani baje ku Mana, bateko baharirwe ivyaha vyabo, baraganwe n’abejejwe n’ukunyizera.
19 #
Gal 1:16. Nuko, mwami Agiripa, sinanka kwumvira ivyo neretswe vyavuye mw ijuru. 20#Mat 3:8.Ariko nabanje kubgira ab’i Damasiko hanyuma ab’i Yerusalemu, n’abo mu gihugu cose c’i Yudaya, n’abanyamahanga na bo, yuko bakwiye kwihana, no guhindukirira Imana, bakore ibikorwa bikwiranye n’ukwihana. 21#Ivyak 21:30, 31.Ni co catumye Abayuda bamfatira mu rusengero, bakageza kunyica. 22#Luk 24:44-47.None nabonye gutabarwa kwavuye ku Mana, ndacahagaze kugeza n’ubu, nshingira intahe aboroshe n’abahambaye, nta kindi mvuga atar’ ivy’ abāvugishwa n’Imana na Mose bāvuze ko bizoba, 23#1 Kor 15:20.yuko Kristo atazobura kubabazwa, kandi kw ari we azobanza kuzuka mu bapfuye, no kubgira ubgoko bgacu n’abanyamahanga ubutumwa bg’umuco.
Fesito avuze kw asaze, Paulo ageza kwemeza Agiripa
24Aciregura artyo, Fesito avuga n’ijwi rirenga, at’ Erega Paulo urasaze; ubgenge bgawe bginshi buragushajije. 25Paulo aramwishura, ati Sinsaze, Fesito umwubahwa, ariko mvuga amajambo y’ukuri kand’ aroranye. 26#Yoh 18:20.Umwami arazi ivyo neza, kandi ndamubarira nshize amanga; kuko nzi yukw ata na kimwe mur’ ivyo ahishijwe, kukw ivyo bitākorewe mu mfuruka. 27Mwami Agiripa, uremeye ivy’ abāvugishwa n’Imana? Ndazi yuk’ uvyemeye. 28#Ivyak 11:26; 1 Pet 4:16.Agiripa yishura Paulo, at’ Unkwegesha ivyo bike ng’ umpindure Umukristo? 29Paulo, ati Ndasaba Imana ari bike ari vyinshi, yukw atoba wewe wenyene, ariko n’abanyumva uyu musi mwese, ko vyobahindura nkanje, ukūye iyi minyororo.
30Umwami ahagurukana n’icēgēra ca Kayisari na Berenike, n’abāri bicaranye na we; 31maze basohotse baravugana, bati Nta co uyu muntu yakoze gikwiye kumwicisha canke kumubohesha. 32#Ivyak 25:11.Agiripa abarira Fesito, at’ Uyu muntu aba arekuwe, iy’ ataba yar’ agomvye kuzokwitwara kuri Kayisari.
Currently Selected:
Ivyakozwe N’intumwa 26: RUN1967
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967