Ivyakozwe N’intumwa 23
23
Paulo yiregurira imbere y’abanyekombe
1 #
Ivyak 22:1; 24:16. Paulo ahanga amaso abanyekombe, arababgira, ati Bagabo bene Data, nāmanye umutima utarimw’ ijwi rinyagiriza ikibi na kimwe imbere y’Imana gushitsa kur’ uyu musi. 2#Yoh 18:22, 23.Ananiya umuherezi mukuru abarira abamuhagaze i ruhande kumukubita ku munwa. 3#Mat 23:27; Ezk 13:10-15; Lew 19:15.Maze Paulo aramubgira, at’ Imana izogukubita, wa rusika rukuyengejekw ingwa: mbega wewe ko wicaritswe no kuncira urubanza nk’ukw ivyagezwe biri, ugatako ukavuga ko bankubita ukanyuranya n’ivyagezwe? 4Abāri bahagazeho, bati Mbeg’ uratuka umuherezi mukuru w’Imana? 5#Kuv 22:28.Paulo, ati Sinari ndamuzi, bene Data, kw ar’ umuherezi mukuru; kuko handitswe ngo Ntukavuge nabi umukuru wo mu bgoko bganyu.
6 #
Ivyak 4:2; 22:3; 26:5. Maze Paulo amenye yuk’ umuce umwe ar’uw’ Abasadukayo, uwundi ar’uw’ Abafarisayo, ashira ijwi hejuru mu banyekombe, ati Bagabo bene Data, nd’ Umufarisayo, nd’ umwana w’Abafarisayo: ivy’ ivyizigiro vy’ibizoba n’ukuzuka kw’abapfuye ni vyo bimpagaritse mur’ izi manza. 7Avuze artyo, havyuka ibihāri mu Bafarisayo n’Abasadukayo, abanyarukinja birema ibice. 8#Mat 22:23.Kukw Abasadukayo bāhakana yukw ata kuzuka kuriho, cank’ umumarayika n’impwemu; arikw Abafarisayo bāvyemera vyompi. 9#Ivyak 25:25; 5:39.Habah’ urwamo rwinshi; bamwe mu banyabgenge b’ivyanditswe bo mu muce w’Abafarisayo bava hasi barahārīra, bati Nta kibi twabonye kur’ uyu muntu. Kumbure impwemu cank’ umumarayika yoba yavuganye na we. 10Habah’ ibihāri vyinshi, umukuru w’abagabisha b’abasoda atinye ko bogabangana Paulo, abarira ingabo ngo zimanuke zimubashikure, zimujane mw iboma.
11 #
Ivyak 18:9; 19:21; 28:16, 23. Ijoro ry’uwo musi, Umwami Yesu amuhagarara hejuru, ati Hūmura; nk’uko wanshingiye intahe i Yerusalemu, ni k’ukwiye kuzonshingira intahe i Roma.
Abayuda bahigira kwica Paulo
12Iryo joro rikeye, Abayuda barakorana, barahira bīsiba yuko batazorya ntibanywe batarica Paulo. 13Abāhize bartyo bāsāga mirongwine. 14#Yoh 16:2, 3.Baja ku baherezi bakuru n’abakuru, bati Twarahiye twisivye bikomeye yukw ata co tuzotamira tutarica Paulo. 15Nuko rero mwebge n’abanyekombe, ni mubgire umukuru w’abagabisha b’abasoda amubamanukanire, nk’abarondera kurushiriza gutahura ivyiwe neza. Natwe, atarabashikīra, twiteguye kumwica.
16Mwishwa wa Paulo yumva uwo mutego, araza ashika mw iboma, abibarira Paulo. 17Paulo ahamagara umwe mu bagabisha b’abasoda ijana, ati Jana uyu muhungu ku mukuru w’abagabisha b’abasoda; afise ijambo amubarira. 18Na we aramujana amushīra uwo mukuru w’abagabisha, ati Ya mbohe Paulo yampamagaye aranyinginga, ngo nkuzanire uyu muhungu, afise ic’ akubarira. 19Uwo mukuru amufata ukuboko, aramwikebanya aramubaza biherereye, at’ Ic’ ufise kumbarira n’iki? 20Aramwishura, at’ Abayuda bahūje inama yo kukwinginga ngw ejo uz’ umanukane Paulo mw ikombe, nk’ūgomba kubaza ivyiwe ng’ urushirize kubimenya neza. 21None rero ntuje kubumvira, kukw abantu babo basāga mirongwine bamuryamiye, barahiye bīsivye ko batazorya ntibanywe bataramwica; kandi none bariteguye, barorereye ic’ uribubemerere. 22Uwo mukuru arungika uwo muhungu, amaze kumwihanikiriza, ati Ntugire umuntu ubarira yuk’ ummenyesheje ivyo.
Banyuruza Paulo bamujana i Kayisariya
23Ahamagara babiri bo mu bagabisha b’abasoda ijana, arababarira, ati Ni mwitegure abasoda amajana abiri bo kuja i Kayisariya, n’abagendera ku mafarasi mirongwirindwi, n’ab’ amacumu amajana abiri, bahenge mw ijoro isaha zitatu bagende. 24Kandi bazane n’amafarasi kugira ngo bayashireko Paulo, bamushikane kwa Feliki icēgēra ca Kayisari akiri muzima. 25Yandika icete nka ben’ iki:
26 #
Luk 1:3. ati Jewe Kilawudiyo Lusiya ndakuganūtsa wewe Feliki umwubahwa, icēgēra ca Kayisari. 27#Ivyak 21:33; 22:25.Non’ uyo mugabo Abayuda bāri bamaze kumuta mu maboko bagira bamwice, nanje mmenye kw ar’ Umuroma nzanana n’ingabo ndamubakiza. 28#Ivyak 22:30.Kandi nshatse kumenya ico bamurega, ndamumanukana mw ikombe ryabo. 29#Ivyak 6:9; 18:14, 15.Mbona yuko bamurega amajambo y’ivyagezwe vyabo, ariko kw ata co yarezwe gikwiye kumwicisha canke kumubohesha. 30#Ivyak 24:8.Maze mbariwe yuko bahigiye uwo mugabo, nca ndamukurungikira, mbarira abarezi ko bamuregera imbere yawe. Ndakwikebanuye.
31Nukw abasoda bābīra Paulo uko babariwe, bahenga mw ijoro bamujana muri Antipatiri. 32Bumaze guca basigay’ abagendera ku mafarasi, ngw abe ari bo bajana na we, na bo basubira iyo bavuye kw iboma. 33Abo bashitse i Kayisariya bashīra icēgēra ca Kayisari ca cete, bamushikiriza na Paulo. 34#Ivyak 22:3.Amaze kugisoma abaza intāra y’i wabo iy’ ari yo; amenye kw ar’uw’ i Kilikiya, 35aravuga, ati Nzokwumva ivyawe abarezi bawe ni bamara kuza. Agera ko bamurindira mw iboma ya Herode.
Currently Selected:
Ivyakozwe N’intumwa 23: RUN1967
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967