YouVersion Logo
Search Icon

Ivyakozwe N’intumwa 22

22
Paulo yiregurira imbere y’abantu
1 # Ivyak 7:2; 13:26. Ati Yemwe bagabo bene Data kandi ba data, ni mwumvirize ivyo nireguza muri mwebge.
2 # Ivyak 21:40. Bumvise ababariye mu Giheburayo, barushiriza gucereza. Aravuga,
3 # Ivyak 5:34; Rom 10:2. ati Nd’ Umuyuda, navukiye i Taruso h’i Kilikiya, ariko nakuriye mur’ iki gisagara, nigishirizwa imbere y’ibirenge vya Gamaliyeli nk’uk’ uruhande rugoye rw’ivyagezwe vya ba sogokuruza ruri, ngira ishaka ry’Imana, nk’uko namwe mwese murifise uyu musi.#Ivyak 9:1-29; 26:9-20. 4#Ivyak 8:3.Kandi nahama abakurikira Inzira ya Yesu gushitsa bapfuye, nkababoha nkabashira mu mabohero abagabo n’abagore. 5Kandi n’umuherezi mukuru na we aranshingira intahe y’ivyo, bo n’abanyekombe bose. Ni bo bāmpaye ivyete vyandikiwe bene Data b’i Damasiko, ikinjanyeyo ar’ ukuzana i Yerusalemu abaho na bo bari mu ngoyi, ngo bishure.
6Nuko nkigenda, nshitse hafi y’i Damasiko, hāri nko mu mashōka, umuco uhambaye uza giturumbuka uvuye mw ijuru, unkayanganira irya n’ino. 7Nikubita hasi numva ijwi rimbaza, riti Sauli, Sauli, umpīgira iki? 8Nanje ndabaza, nt’ Uri nde ga Mwami? Aranyishura, ati Ndi Yesu Umunyanazareti, uwo urik’ urahīga. 9Kandi n’abo twāri kumwe umuco bārawubonye, ariko ntibumva ijwi ry’uwo tuvugana. 10Ndamubaza, nti Ngire nte ga Mwami? Umwami aranyishura, ati Va hasi, ushike i Damasiko, ni ho uzobaririrwa ivyashinzwe k’uzokora. 11Maz’ ubgiza bg’uwo muco bumpumishije, abo twāri kumwe bamfata ukuboko, nshika i Damasiko.
12Umugabo yitwa Ananiya, yubaha Imana mu kwumvira ivyagezwe, yashimwa n’Abayuda bose babayo, 13aza aho ndi, ampagarara hejuru, arambarira, ati Sauli, mwene Data, humūka. Ako kanya ndahumūka, ndamurāba. 14#Ivyak 3:14.Aravuga, at’ Imana ya ba sogokuruza yagutoranirije kumenya ivy’ igomba, no kubona wa Mugororotsi, no kwumva ijwi riva mu kanwa kiwe: 15kuk’ uzomubera icabona ku bantu bose ku vyo wabonye kandi wumvise. 16#2 Tim 2:22.Non’ ikigutevya n’iki? Va hasi, ubatizwe, wiyuhagire ivyaha vyawe, wambaze izina ryiwe.
17 # Ivyak 9:26; 11:30; Gal 1:18, 19. Maze ngarutse i Yerusalemu, nariko ndasenga mu rusengero, mmera nk’ūrota, 18ndamubona ambgira, ati Tebuka, uve i Yerusalemu vuba, kuko batazokwemera ivy’ unshingira intahe. 19#Ivyak 22:4.Nanje nti Mwami, na bo ubgabo barazi yuko nashira abakwizeye mw ibohero, nkabatonagurira mu masinagogi yose. 20#Ivyak 7:58; 8:1.Kandi hamwe amaraso y’uwagushingira intahe Stefano yava, nanje ni ho nari mpagaze, mbishimye, nsanze impuzu z’abāmwica. 21#Ivyak 9:15; 13:2.Aranyishura, ati Genda, kuko nzogutuma kure ku banyamahanga.
Abayuda bakūra hasi ngo Paulo yicwe
22 # Ivyak 21:35. Baramwumviriza gushitsa kur’ iryo jambo: maze basemerera n’ijwi rirenga, bati Kūra ūmeze artyo mw isi, na kare ntiyar’ abereye kubaho. 23Bakiyogora, bata impuzu zabo, basūrira umukungugu hejuru, 24umukuru w’abagabisha b’abasoda avuga ko bamwinjiza mw iboma, ababarira kumucacisha ibimoko, kugira ngw amenye icatumye bamuvugiriza uruhōgo bartyo. 25#Ivyak 16:37; 23:27.Bamaze kumubohesha imigozi, Paulo abaza umugabisha w’abasoda ijana ahagaze aho, ati Mbega biremerwa ko mukubita umuntu w’Umuroma, kand’ ata rubanza rwamutsinze? 26Uwo mugabisha avyumvise, aja ku mukuru w’abagabisha, arabimumenyesha, at’ Ugira ukore iki? Erega wa muntu n’Umuroma. 27Uwo mukuru w’abagabisha araza, aramubaza, ati Mbarira: mbeg’ ur’ Umuroma? Na we at’ Ego me. 28Uwo mukuru aramubarira, ati Jewe naguze ubgo buroma amahera menshi. Paulo at’ Ariko jeho nabuvukiyemwo. 29Nukw abāri bagiye kumucaca baca baramureka; umukuru w’abagabisha na we aratinya, amenye kw ar’ Umuroma, kandi yamuboshe.
30Ariko bukeye bg’aho, agomvye kumenya neza ic’ Abayuda bamurega ic’ ari co, aramubohora, agera kw abaherezi bakuru bakorana n’abanyekombe bose, amanukana Paulo, amuhagarika imbere yabo.

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in