Ivyakozwe N’intumwa 24
24
Abayuda baregera Paulo imbere ya Feliki
1Imisi itanu ishize, umuherezi mukuru Ananiya amanukana n’abakuru bamwe n’uwo kubavuganira yitwa Teritulo, barega Paulo ku cēgēra ca Kayisari. 2Amaze guhamagazwa, Teritulo atangura kumurega,
ati Ni kubgawe igituma tugazagaza mu mahoro menshi, n’ibindi vyaroranirijwe ubu bgoko kubg’ imigabo yawe: 3#Ivyak 23:26; 26:25.nuko turavyemera uburyo bgose ahantu hose, Feliki umwubahwa, tugukengurukiye cane. 4Reka noye guhava nkurambira, ndakwinginze zirikana tuvuge amajambo make, kubg’ ubugwaneza bgawe. 5#Ivyak 17:6.Twabonye uyu muntu ar’ ikīza, atera umugararizo Abayuda bose bari mu bihugu vyose; ni we remezo ry’igice c’Abanazareti. 6#Ivyak 21:28.Kandi yagejeje no guhumanya urusengero, turamufata, [twāri tugomvye kumucira urubanza nk’ukw ivyagezwe vyacu bivuga. 7Arik’ umukuru w’abagabisha b’abasoda Lusiya araza, amudushikura mu maboko, 8#Ivyak 23:30.abarira abarezi biwe kuza imbere yawe.] Nawe ni wamwibariza ubgawe urashobora kumenya ivyo tumureze vyose.
9Abayuda na bo bafatanya na we mur’ ico kirego, bavuga kw ivyo ari ko biri. 10Icēgēra ca Kayisari kimaze kumukebura ngw avuge, Paulo aramwishura,
ati Ndazi k’umaze imyaka myinshi ur’ umucamanza w’ubu bgoko, ni co gitumye niregura ivyanje ndemye; 11#Ivyak 21:17.kuk’ ushobora kumenya yukw imisi itarasāga icumi n’ibiri, uhereye aho nadūgiye i Yerusalemu gusengerayo. 12Kandi ntibāsanze mpārīra n’umuntu n’umwe, canke nkoraniriza abantu kubakikiza, naho hoba mu rusengero canke mu masinagogi canke mu gisagara. 13Kandi ku vyo bandeze ubu, ntibashobora kuronka ikinyagiriza imbere yawe. 14#Ivyak 24:5.Arikw iki ni co nkwemerera: n’uk’ ukw iyo Nzira iri, iyo abo bita igice, ari ko nkorera Imana ya ba sogokuruza bacu, nemera vyose bifatanije n’ivyagezwe kandi vyanditswe mu vy’abāvugishwa n’Imana; 15#Dan 12:2; Yoh 5:28, 29.mfise ivyizigiro ku Mana bimwe n’ivyo aba na bo biteze, yuko hazoba ukuzuka kw’abagororotsi n’abagabitanya. 16#Ivyak 23:1.Ni co gituma na ntaryo nkobereza kugira umutima utanyagiriza ikibi ku Mana canke ku bantu. 17#Rom 15:25, 26; Gal 2:10.Maz’ imyaka myinshi ishize, njanwayo no gushīra ubgoko bgacu ivy’ubuntu, no gutanga ibimazi. 18#Ivyak 21:27.Nkiri muri vyo bansanga mu rusengero nihumanuye, ata bantu nkoranije, ata n’uruhōgo ruriho. Ariko hār’ Abayuda bamwe bavuye muri Asiya, 19ni bo bāri bakwiye kuza hano imbere yawe no kundega, iyaba bafise ico bangaya. 20Canke na bano na bo ni bavuge icaha bambonyeko, aho nari mpagaze imbere y’abanyekombe, 21#Ivyak 23:6.shiti ryoba rya jambo rimwe navuze n’ijwi rirenga mpagaze muri bo, nt’ Ukuzuka kw’ abapfuye ni kwo kumpagaritse mur’ izi manza imbere yanyu uyu musi.
22 #
Ivyak 23:26. Ariko Feliki, kuko yar’ azi neza ivy’ Iyo Nzira ivy’ ari vyo, arabibīka, ati Lusiya umukuru w’abagabisha b’abasoda ni yaza, nzoca urubanza rw’amajambo yanyu. 23#Ivyak 27:3.Abarira umugabisha w’abasoda ijana kumurinda urw’ amaso, no kutabuza n’umwe mu bagenzi kumukorera.
Paulo avuga ubutumwa bgiza imbere ya Feliki
24Imisi mike ishize, Feliki azanana n’umugore wiwe Durusila w’Umuyudakazi, ahamagaza Paulo, yumviriza ivyo avuga ku vy’ukwizera Kristo Yesu. 25Akirikw aravuga ivy’ ukugororoka n’ivy’ ukwirinda n’ivy’ amateka azocibga, Feliki aranduka umutima, aramubarira, at’ Ubu ni wīgīre, ni naronka uburyo bgiza nzogutumako. 26Kandi yanaziga ko Paulo yomuhēra amahera; ico ni co camutera kwama amuhamagaza ngo bayāge. 27#Ivyak 25:9.Imyaka ibiri ishize, Porukiyo Fesito akūra Feliki. Maze Feliki agomvye kwikundisha Abayuda asiga Paulo akiboshwe.
Currently Selected:
Ivyakozwe N’intumwa 24: RUN1967
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967