Ivyakozwe N’intumwa 19
19
Abigishwa ba Yohana Umubatizi
1Maze Apolo akir’ i Korinto, Paulo aca mu bihugu vyo haruguru, ashika muri Efeso, asangay’ abigishwa bamwe. 2#Ivyak 2:38.Arababaza, ati Mbega mwarahawe Mpwemu Yera igihe mwizera? Baramwishura, bati Ntitwaribganavyumve yuko Mpwemu Yera yatanzwe. 3Arababaza, ati None mwabatijwe umubatizo ki? Bat’ Umubatizo wa Yohana. 4#Mat 3:11.Paulo ati Yohana yabatije umubatizo wo kwihana, abarira abantu ko bakwiye kwizera ūzoza hanyuma yiwe, ni Yesu. 5Bavyumvise babatizwa mw izina ry’Umwami Yesu. 6#Ivyak 8:17; 10:44, 46.Paulo amaze kubarambikakw ibiganza, Mpwemu Yera abazako, bavuga izindi ndimi, bavugishwa n’Imana. 7Abo bose bār’ abagabo nk’icumi na babiri.
Ijambo ry’Imana rigira ubushobozi muri Efeso
8Yinjira mw isinagogi, amara amezi atatu avuga ashize amanga: akīranira ivy’ ubgami bg’Imana abibemeza. 9#2 Tim 1:15; Ivyak 9:2; Tit 3:10, 11; 2 Kor 6:17; 2 Yoh 1:10.Ariko bamwe bikomantaje imitima, b’intumva, batukira Inzira ya Yesu imbere y’abantu, ava muri bo, arobanura abigishwa, uko bukeye ahārīrira mu nzu yo kwigishirizamwo ya Turano. 10Bimara imyaka ibiri bimeze birtyo: nukw ababa muri Asiya bose bumva ijambo ry’Umwami wacu, Abayuda n’Abagiriki.
11 #
Ivyak 14:3. Kand’ Imana ikoresha amaboko ya Paulo ibitangaza vy’agaheta: 12#Ivyak 5:15.vyatuma bashīra abarwaye ibitambara n’ivyambazo bivuye ku mubiri wiwe, bagakira indwara zabo, impwemu zihumanye zikabavamwo. 13#Luk 9:49.Arikw inyererezi zimwe zo mu Bayuda zāsenda impwemu zihumanye zīgerera kuvugira izina ry’Umwami Yesu hejuru y’abatewe n’impwemu zihumanye, ziti Tubarahiye Yesu, uwo Paulo avuga. 14Kandi hārih’ abahungu ndwi b’Umuyuda yitwa Sikewa, umwe mu baherezi bakuru, bāgenza bartyo. 15#Mrk 1:34; Luk 4:41.Impwemu ihumanye irabishura, iti Yesu ndamuzi, na Paulo ndamuzi, ariko mweho muri ba nde? 16Umuntu arimw’ impwemu ihumanye abagurukirako bompi, arabanesha, arababirika, bahunga mur’ iyo nzu bambaye ubusa bakomeretse. 17#Ivyak 5:5, 11.Ivyo bimenyekana mu Bayuda no mu Bagiriki bose baba muri Efeso, bose baterwa n’ubgoba, izina ry’Umwami Yesu rishirwa hejuru. 18Kandi benshi mu bari barizeye baraza, bātura ivyo bākoze, barabiserura. 19Benshi no mu bakora ivy’ ubupfumu bakoranya ibitabo vyabo vy’ubupfumu, babituririra mu maso ya bose: baharūra igiciro cavyo, basanga gishitse ku ntete z’ifeza ibihumbi mirongwitanu. 20#Ivyak 6:7; 12:24.Uko ni kw ijambo ry’Umwami Yesu ryagwiriye cane, rigira ububasha.
Abacuzi bo muri Efeso barwanya ivy’ Imana
21 #
Ivyak 23:11; Rom 1:13. Ivyo bishize Paulo agabira mu mutima wiwe guca i Makedoniya no muri Akaya aja i Yerusalemu, ati Ni namara gushikayo, nkwiye kuja kurāba n’i Roma na ho. 22#Ivyak 17:14; Rom 16:23; 1 Kor 4:17.Atuma abāgenda bamukorera babiri, Timoteyo na Erasito, ngo baje i Makedoniya; ariko we, atebera muri Asiya imisi.
23 #
Ivyak 19:9; 2 Kor 1:8, 9. Nko mur’ ico gihe havyuka imivurungano itari mike kubg’ Inzira ya Yesu. 24#Ivyak 16:16.Hār’ umuntu yitwa Demetiriyo, umucuzi w’ifeza, yacura utunyabugoro twa Arutemi mw ifeza, akaronkesha abacuzi biwe inyungu nyinshi. 25Nukw abakoraniriza hamwe n’abandi bākora ibikorwa ben’ ivyo, arababgira, ati Yemwe bagabo, murazi yuk’ ubutunzi bgacu buva mur’ iki gikorwa. 26#Ivyak 17:29.Murabona kandi murumva yukw atari muri Efeso honyene, ariko nko muri Asiya hose, umwe Paulo yoheje abantu benshi akabahindura, at’ Imana zākozwe n’intoke si zo mana. 27S’ukw igikorwa cacu kiri mw irinde kigiye gukēngērwa gusa, ariko kandi n’ingoro y’igitabo c’imanakazi ihambaye Arutemi yotītūrwa, mbere yonakūrwakw icubahiro cayo gikomeye, ari yo abo muri Asiya bose n’isi yose basenga.
28Bavyumvise barasugurirwa, barasemerera, bati Arutemi y’Abanyefeso irahambaye. 29#Ivyak 20:4.Maz’ igisagara cose kiravurungana, bashwabadukira icarimwe baja ku kibuga c’ibirori, bashika Gayo na Arisitariko Abanyamakedoniya, bāgendana na Paulo. 30Maze Paulo agomvye kuja mur’ iryo gugu ry’abantu, abigishwa baramutesha. 31Kandi bamwe mu bakuru bo muri Asiya, kuko bār’ abagenzi, bamutumako bamwinginga ngo yoye kwiroha mu kibuga c’ibirori. 32Nuko barayogora, bamwe ukwabo abandi ukwabo, kukw iryo shengero ryavurunganye, abenshi batāri bazi icatumye bakorana. 33Maze basokorora Alekisandero mu bantu, Abayuda bamwīgiza imbere. Maze Alekisandero arabamama, agira yiregure ku bantu. 34Ariko bamumenye kw ar’ Umuyuda, bose basemererera icarimwe, bamara nk’amasaha abiri, bati Arutemi y’Abanyefeso irahambaye.
35Umwanditsi (ari we mukuru w’igisagara) amaze guhoza ishengero, arababarira, ati Bagabo b’Abanyefeso, mbega harih’ umuntu atazi yukw igisagara c’Abanyefeso ari co kizigama ingoro y’igitabo c’imanakazi ihambaye Arutemi, ari co gishushanyo cākorotse kiva mw ijuru? 36None kw ata woshobora guhakana ivyo, mukwiye guhora, no kutagira ico mukora mutitonze. 37Kuko muzanye aba bagabo, bativye ivyo mu ngoro z’imana kandi batārogose ku manakazi yacu. 38Nuko Demetiriyo n’abacuzi bari kumwe na we, namba bafise uwo barega, imisi y’imanza iriho, kandi hariho n’ivyēgēra vya Kayisari, ni baregane. 39Ariko ni mwaba mufise ibindi murondera, bizomarirwa mu rukinja rusanzweho. 40Mbere turi mw irinde, kumbure ibibaye uyu musi vyotuma turegwa ubugarariji, kukw ata nyanduruko; kandi ntituzoshobora gusobanura icakoranije iri shengero rivurunganye. 41Avuze ivyo, acūra ikoraniro.
Currently Selected:
Ivyakozwe N’intumwa 19: RUN1967
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967