1
2 Timoteyo 4:7
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
RUN1967
narwanye intambara nziza, narangije urugendo, nazigamye ukwizera.
Compare
Explore 2 Timoteyo 4:7
2
2 Timoteyo 4:2
uvuge ijambo ry’Imana, uhore ugavye mu gihe gikwiye no mu kidakwiye, uhane, wihanize, uhanūre, mu kwihangana kwose no mu kwigisha.
Explore 2 Timoteyo 4:2
3
2 Timoteyo 4:3-4
Kukw igihe kizoza, batazokwemera kwumva ukwigisha kuzima; ariko kukw amatwi abarya yifuza kwumva ibibanezereza, bazokwirundaniriza abigisha bahūje n’ukwifuza kwabo, kandi bazokwiziba amatwi, ngo ntibumve ukuri, bazozimira bakurikire imigani y’ibinyoma.
Explore 2 Timoteyo 4:3-4
4
2 Timoteyo 4:5
Ariko weho, wirinde muri vyose, wihanganire imibabaro, ukore igikorwa c’umuvuzi w’ubutumwa bgiza, ushitse igikorwa c’ibango ryawe.
Explore 2 Timoteyo 4:5
5
2 Timoteyo 4:8
Ibisigaye, mbīkiwe igitsibo c’ukugororoka, ico Umwami wacu, umucamanza agororotse, azompa kuri wa musi, kandi si jewe jenyene nzogihabga, ariko kandi n’abakunze kuzoseruka kwiwe bose bazogihabga.
Explore 2 Timoteyo 4:8