2 Ab’i Tesalonike 3
3
Paulo asaba ab’i Tesalonike kumusengera
1 #
Kol 4:3; 1 Tes 5:25. Ibisigaye bene Data mudusengere, ijambo ry’Umwami wacu ryamamare rishimagizwe, nk’uko biri no muri mwebge, 2kandi turokoke abantu babi badadika; kuk’ ukwizera kudafiswe na bose. 3#1 Tes 5:24.Ariko, Umwami n’uwo kwizigirwa, ni we azobashinga neza abarinde wa Mubi. 4#1 Tes 4:10; Gal 5:10; 2 Kor 7:16.Kandi twizigiye Umwami ku vyanyu, yukw ivyo tugeze mubikora kandi muzokwama mubikora. 5Umwami arōngōre imitima yanyu, ayerekeze ku rukundo rw’Imana no ku kwihangana kwa Kristo.
Paulo abahanūra ngo bakovye gukora
6 #
Mat 18:17; Rom 16:17; 1 Tes 5:14; 4:1. Ariko bene Data, turabagera mw izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo, kuzibukīra mwene Data wese agenda asaragurika, cank’ adakurikira ivyo mwashikirijwe natwe. 7#Flp 3:17; 1 Tes 2:1; 1:6.Ubganyu murazi ingene mukwiye kutwīgāna, kuko tutāsaragurika muri mwebge, 8#1 Kor 4:12; 1 Tes 2:9.ntitwarya ivyo kurya vy’ umuntu n’umwe ku busa, ariko twagira ubutame n’ubucumukure, dukora ku murango no mw ijoro, kugira ngo ntitugire umuntu muri mwebge tugora. 9#Mat 10:10; 1 Kor 4:16; 1 Tes 1:6, 7.S’uko tutāvyemerewe, ariko n’ukugira ngo tubabere icitegererezo ngo mutwīgāne. 10#Ita 3:19; 1 Tes 3:4; 4:11.Kuko tukiri kumwe namwe twābageze iki, ng’umuntu wese ni yanka gukora ntākarye. 11#1 Tes 5:14.Kuko twumvise yuko hariho bamwe bo muri mwebge bagenda basaragurika, bama bīneganegera bakīta mu bitabakwiye. 12#1 Tes 4:11.Arikw abameze bartyo turabagera tubahanūra kubg’ Umwami Yesu Kristo, gukora ibikorwa batekereje, babone kurya ivyo bīronkeye ubgabo. 13#Gal 6:9.Ariko mweho bene Data, ntimurambirwe no gukora iciza.
14 #
1 Kor 5:9, 11. Ni hagira umuntu atumvira ijambo ryacu ryo mur’ iki cete, mumwitegereze, ntimufatanye na we, kugira ngw amāramāre. 15#1 Tes 5:13, 14.Ariko ntimumwiyumvire kw ar’ umwansi wanyu, ariko mumuhanūre nka mwene So.
Umuhezagiro
16 #
1 Tes 5:23. Kand’ Umwami Nyen’ amahoro ubgiwe, yame abaha amahoro ibihe vyose uburyo bgose. Umwami abane namwe mwese.
17 #
1 Kor 16:21. Uku ni kwo gutasha kwanje Paulo, kwanditswe n’ukwanje kuboko, ni co kimenyetso mu cete canje cose: ni ko nandika. 18Ubuntu bg’Umwami wacu Yesu Kristo bubane namwe mwese.
Currently Selected:
2 Ab’i Tesalonike 3: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967