YouVersion Logo
Search Icon

1 Timoteyo 1

1
Indamukanyo
1 # Kol 1:27. Paulo, intumwa ya Kristo Yesu, nk’uko vyagezwe n’Imana Umukiza wacu na Kristo Yesu ivyizigiro vyacu, 2#Tit 1:4.ndakwandikiye Timoteyo, umwana wanje nyakuri mu kwizera. Ubuntu n’imbabazi n’amahoro bibe kuri wewe, biva ku Mana Data wa twese no kuri Kristo Yesu Umwami wacu.
Kwirinda inyigisho z’ibinyoma
3 # Ivyak 20:1. Nuko guma muri Efeso, nk’uko nakugīriye inama hamwe naja i Makedoniya, kugira ng’ uteshe ba bandi ntibigishe ibiciye ukundi, 4#1 Tim 4:7.ntibababare ivy’ imigani y’ibinyoma n’ivyo kuzīrōra ivy’ akārōnda katagira iherezo, bidafasha igikorwa c’Imana gikorera mu kwizera, ariko bizana impāri. 5#Rom 13:10; Gal 5:6.Arikw inyanduruko y’ukwigisha kwacu n’ukugira ngo bagire urukundo ruva mu mutima utanduye, utarimw’ ijwi ribāgiriza ikibi, no ku kwizera kutar’ ukw’ uburyarya. 6#1 Tim 6:4, 20.Ivyo bamwe bārabihushije, bata inzira, baja mu bitagira ikimazi kuba ari vyo bavuga, 7bagomba kuba abigisha b’ivyagezwe, ariko ntibatahura ivyo bavuga n’ivyo bashingira intahe babishimikiye.
8 # Rom 7:12. Ariko turazi yukw ivyagezwe ari vyiza, iy’ umuntu abigenjeje nk’uko bikwiye ivyagezwe, 9azi yukw ivyagezwe bitāshiriweh’ umugororotsi, ariko vyāshiriweh’ abagarariji n’ibigāba, abatubaha Imana n’abanyavyaha, abanegura ivyayo n’abakora ibizira, abica ba se na ba nyina, abicanyi, 10#1 Tim 6:3.abashakanyi, abagabo bendana, abanyaga abantu bakabashōra, ababeshi, abarahira nabi, n’ibindi vyose birwanya ukwigisha kuzima, 11#1 Tim 6:15.gukurikira ubutumwa bg’ubgiza bg’Imana ishemagizwa, ubgo najejwe.
Paulo ashimira Imana imbabazi zayo
12 # Ivyak 9:15; 1 Kor 15:9, 10; Gal 1:13-16. Ndashimira Kristo Yesu Umwami wacu yabinshoboje, kuko yanyiyumviriye ko nd’uwo kwizigirwa, akampa ubusuku: 13naho nabanje kumurogotako no kumuhīga no kumwambika ibara. Ariko naragiriwe ikigongwe kuko nabikoze ntabizi ntarizera; 14kand’ ubuntu bg’Umwami wacu bgiyongeranya kuri jewe, bo n’ukwizera n’urukundo rubonerwa muri Kristo Yesu. 15#Luk 15:2; 19:10.Iri jambo n’iryo kwizerwa, rikwiye kwemerwa rwose, yuko Kristo Yesu yazanywe mw isi no gukiza abanyavyaha: muri bo jewe nd’agahebuza. 16Ariko, icatumye ngirirwa ikigongwe n’ukugira ngo Yesu Kristo yerekanire muri jewe gahebuza, ukwihangana kwiwe kwose, mbe icitegererezo c’abazomwizera bakaronka ubugingo budashira. 17#Rom 16:27.Umwami ahoraho, adapfa, ataboneka, ari we Mana imwe yonyene, igitinyiro n’icubahiro bibe ivyayo, ibihe bitazoshira. Amen.
18 # 1 Tim 6:12; Yud 1:3. Iri bgirizwa ndariguhaye, mwana wanje Timoteyo, nk’ukw abavugishwa n’Imana bākuvuzeko ubga mbere, ng’ ufashwe na vyo kurwana intambara nziza, 19#1 Tim 3:9; 6:10.ugumye ukwizera, ufise umutima utarimw’ ijwi rikwagiriza ikibi; iryo bamwe bāshibuye bakamera nk’ubgato busāvye mu vy’ ukwizera. 20#2 Tim 2:17; 1 Kor 5:5.Mur’ abo, umwe ni Humenayo na Alekisandero, abo nahaye Satani, kugira ngo bibigishe kutarogota.

Currently Selected:

1 Timoteyo 1: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in