YouVersion Logo
Search Icon

2 Ab’i Tesalonike 2

2
Abagoreka ivy’ ukugaruka kw’Umwami Yesu
1 # 1 Tes 4:13-17. Turabinginga, bene Data, kubgo kuzoza kw’Umwami wacu Yesu Kristo no kuzokoranirizwa kuri we kwacu, 2ntimushōke munyiganyiga ngo mugwe igihūmura, canke ngo muhagarike imitima, naho mwoba mubitewe n’impwemu canke n’ijambo canke n’icete kimeze nk’ikivuye kuri twebge, kivuga yuk’ umusi w’Umwami wacu uhejeje gushika. 3#1 Tim 4:1; Yoh 17:12; 1 Yoh 2:18; 4:3.Ntihakagire umuntu abahenda mu buryo na bumwe, kuk’ utazoza, kwa kureka Imana kutabanje kuboneka, kandi wa muntu w’umugarariji atarahishurwa, ni we mwana wo kuranduka, 4#Dan 11:36; Ezk 28:2.umurwanizi yishira hejuru y’icitwa Imana cose cank’ igisengwa; nukw azokwicara mu rusengero rw’ Imana, yiyerekana ngo n’Imana. 5Ntimwibuka yuko nababgiye ivyo nkiri kumwe namwe? 6Kandi none murazi ikibuza, kugira ngw az’ ahishurwe mu gihe ciwe. 7#Ivyak 20:29.Kukw ibanga ry’umugararizo n’ubu ririko rirakora, mugabo har’ ūbibuza none, gushitsa igihe azokūrirwaho. 8#Yes 11:4; Yob 4:9; Ivyah 19:15, 20.Ni ho wa mugarariji azohishurirwa, umwe Umwami Yesu azokwicisha impwemu ziva mu kanwa kiwe, azomutītūza uguseruka kw’ukuza kwiwe. 9#Mat 24:24; Ivyah 13:11-13.Ukuza kw’uwo mugarariji kuri mu buryo bg’inkomezi za Satani, kuri n’ubushobozi bgose n’ibimenyetso n’ibitangaza vy’ibinyoma, 10#2 Kor 2:15; 4:3.n’ubugunge bgose bgo kugabitanya ku bahona, kuko batemeye gukunda ivy’ ukuri ngo bakizwe. 11#2 Tim 4:4.Ni co gituma Imana ibarungikira ubuzimire bubakoreramwo, ngo bizere ibinyoma: 12kugira ngw abatizeye ukuri bose, bagahimbarirwa ukugabitanya, bacirwekw iteka.
Paulo yongera gushima Imana no gusenga
13 # Ef 1:4; Gus 33:12; 1 Tes 2:13; 4:7. Ariko bene Data bakundwa n’Umwami wacu, biradukwiye kwama tubashimira Imana, kuk’ uhereye mbere na mbere Imana yabatoranije ngo muronkere agakiza mu kwezwa na Mpwemu no mu kwizera ukuri. 14#1 Tes 4:7; 5:9.Ni vyo yabahamagariye, ibahamagarishije ubutumwa bgiza twajejwe, kugira ngo muhabge ubgiza bg’Umwami wacu Yesu Kristo. 15Nuko bene Data, mushikame, mugumye ivyo mwashikirijwe, mwigishijwe, ar’ ivyo mwigishirijwe mu majambo canke mu cete cacu.
16 # 1 Tes 3:11-13. Ariko, Umwami wacu Yesu Kristo ubgiwe, n’Imana Data wa twese, yadukunze, ikaduha kwirurwa imibabaro guhoraho, bo n’ivyizigiro vyiza biheshwa n’ubuntu bgayo, 17ibirure mu mitima yanyu, iyikomeze mu gikorwa cose ciza, n’ijambo ryose ryiza.

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in

Video for 2 Ab’i Tesalonike 2