Bible App logo
Search Icon

1 Yohana 1

1
Ubugingo budashira
1Icariho uhereye ubga mbere na mbere, ico twumvise, ico twabonye n’amaso yacu, ico twitegereje, intoke zacu zikagikorako, ivyo kuri Jambo w’ubugingo — #Yoh 1:1, 14. 2kand’ ubgo bugingo bgarerekanywe, turabubona, turabushingira intahe, kandi turababarira ivy’ ubgo bugingo budashira, bgamanye na Data wa twese, tukabgerekwa — #Yoh 1:4. 3ico twabonye tukacumva ni co tubabgira namwe, kugira ngo namwe mufatanye natwe. Kandi natwe dufatanije na Data wa twese n’Umwana wiwe Yesu Kristo. 4Twanditse ivyo kugira ng’ umunezero wacu wuzure.#Yoh 15:11; 16:24.
Gufatanya n’Imana ni kwo kureka ivyaha
5Ubu ni bgo butumwa twumvise bgavuye kuri we, tukabubabgira, yukw Imana ar’ umuco, kandi muri yo ko hatagira umwiza na mukeya.#Yak 1:17. 6Tuvuze yuko dufatanije na yo, tukagendera mu mwiza, kuba ar’ ukubesha, ntituba dukora ivy’ ukuri.#1 Yoh 2:4; Yoh 3:21. 7Ariko tugendeye mu muco, nk’uko na yo iri mu muco, tuba dufatanije ubgacu, kand’ amaraso ya Yesu Umwana wayo atwoza icaha cose.#Heb 9:14; Ivyah 1:5; 7:14. 8Tuvuze yukw ata caha dufise, tuba twizimiza, ukuri ntikuba kuri muri twebge. 9Ni twatura ivyaha vyacu, ni yo yo kwizigirwa kand’ igororoka, ivyo ni vyo bituma iduharira ivyaha vyacu, ikatwoza ukugabitanya kwose.#Imig 28:13. 10Tuvuze yukw ata caha twakoze, tuba tuyigize umubeshi, kandi n’ijambo ryayo riba ritari muri twebge.

Currently Selected:

1 Yohana 1: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in