2 Yohana 1
1
Ivy’ ukuri bo n’urukundo
1 #
1 Pet 5:1; 3 Yoh 1:1. Jewe umushingantahe ndakwandikiye, mukamakare watoranijwe, mwe n’abana bawe abo nkunda vy’ukuri; kandi si jewe jenyene mbakunda, ariko n’abazi ukuri bose barabakunda, 2kubg’ ukuri kuba muri twebge, kukazogumana natwe ibihe bidashira. 3Ubuntu n’imbabazi n’amahoro, biva ku Mana Data wa twese no kuri Yesu Kristo, Umwana wa Data wa twese, bizobana natwe mu vy’ukuri no mu rukundo.
4Ndanezerewe cane, kuko nasanze bamwe mu bana bawe bagendera mu kuri, nk’uko twagezwe na Data wa twese. 5#1 Yoh 2:7.Kandi none ndakwinginga mukamakare, si nk’ūkwandikira icagezwe gisha, ariko n’ico twamanye uhereye mbere na mbere, ngo dukundane. 6Uru ni rwo rukundo, n’uko tugenda dukurikira ivyagezwe na we. Ico ni co cagezwe, nk’uko mwumvise uhereye mbere na mbere, ko mukigenderamwo. 7#1 Yoh 2:18; 4:1-3.Kukw abayobeza benshi baserutse bakaja mw isi, batemera ko Yesu Kristo yaje afise umubiri. Ūmeze artyo, ni we ayobeza, kandi ni we Antikristo. 8#Gal 4:11.Mwiyubare, ntimuhombe ivy’ ibikorwa mwakoze, ariko ngo muhabge ingero itagabanije. 9#1 Yoh 2:23.Umuntu wese arārāta, ntagume mu vyo Kristo yigishije, ntafise Imana: ūguma mu vyo yigishije ni we afise Data wa twese n’Umwana. 10#2 Tes 3:6; 1 Abam 13:17; 3 Yoh 1:8.Ni hagira umuntu aza i wanyu, akaza atazanye iyo nyigisho, ntimuze mumwakire mu nzu zanyu, kandi ntimuze mumuhe ikāze: 11kuk’ ūzomuha ikāze azoba afatanije na we mu bikorwa vyiwe bibi.
12 #
3 Yoh 1:13. Naho nari mfise vyinshi vyo kubandikira, singomvye kuvyandikisha wino ku rupapuro: ariko nizigiye kuzoza i wanyu ngo tuvugane imbonankubone kugira ng’umunezero wanyu ube uwuzuye.
13Abana ba mwene nyoko yatoranijwe baragutasha.
Currently Selected:
2 Yohana 1: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967