3 Yohana 1
1
Yohana ashima igikorwa ca Gayo
1 #
2 Yoh 1:1. Jewe umushingantahe ndakwandikiye Gayo umukundwa, nkunda vy’ukuri.
2 #
2 Yoh 1:4. Mukundwa, ndagusengera ng’umererwe neza muri vyose, uhore uhangaye, nk’uk’ ubugingo bgawe bumerewe neza. 3Kuko nanezerewe cane hamwe bene Data baza bagashingira intahe ukuri kwawe, yuk’ ugendera mu kuri. 4Nta wundi munezero mfise uruta uyu, kwumva kw abana banje bagendera mu kuri.
5Mukundwa, wama uyoboka mu vy’ ukorera bene Data vyose, kand’ ar’ injabuka: 6#Tit 3:13.na bo bashingiye intahe urukundo rwawe mu maso y’ishengero. Kand’ uzoba ugize neza ni wabarungika, uko bibereye ab’ Imana. 7#Ivyak 20:35; 1 Kor 9:12, 15.Kuko bavuye i wabo kubg’ Izina rya Yesu, ata co batse abanyamahanga. 8#Heb 13:2; 2 Yoh 1:10.Nuko twebge dukwiye kwākīra neza abameze bartyo, kugira ngo dufatanye n’ukuri gukora igikorwa.
Imivurungano yari mw ishengero
9Har’ ico nandikiye ishengero: ariko Diyotirefe, akunda kwishira imbere muri bo, ntatwemera. 10Ni co gituma, ni naza, nzobibutsa ivy’ akora, atuvuga amagambo mabi y’ubupfu, kandi ntagarukiza kur’ ivyo gusa, arik’ ubgiwe ntiyākīra bene Data, n’ababigomba arababuza, akabaca mw ishengero.
11 #
1 Yoh 3:6, 9. Mukundwa, ntukīgāne ikibi, ariko wīgāne iciza. Ūkora ivyiza ni we w’Imana; ūkora ibibi ntiyabonye Imana. 12#Yoh 19:35; 21:24.Demetiriyo ashingirwa intahe na bose, kandi n’ukuri ubgakwo kurayimushingira: natwe nyene turayimushingira; nawe urazi kw ivyo dushingira intahe ar’ ivy’ ukuri.
13 #
2 Yoh 1:12. Nari mfise vyinshi vyo kukwandikira, mugabo singomba kukwandikishiriza wino n’ikaramu: 14ariko nizigiye ko nzokubona vuba, tukazovugana imbonankubone.
15Amahoro abane nawe. Abakunzi barakuganutsa. Untahirize abakunzi, ukw amazina yabo angana.
Currently Selected:
3 Yohana 1: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967