1 Yohana 5
5
Ukwizera kw’Umukristo
1 #
1 Yoh 4:15, 16; 1 Pet 1:22, 23. Uwemera wese yuko Yesu ari Kristo, ni we yavyawe n’Imana; kand’ umuntu wese akunda uwo Muvyeyi, akunda n’uwavyawe na we. 2Iki ni co kitumenyesha yuko dukunda abana b’Imana, ni twakunda Imana tugakora ivyagezwe vyayo. 3#Yoh 14:15, 23, 24; Mat 11:30.Kuk’ ugukunda Imana ar’ uku, n’uko twitondera ivyagezwe vyayo: kand’ ivyagezwe vyayo ntibigora. 4#Yoh 16:33.Kukw icavyawe n’Imana cose kinesha isi; iyi ni yo ntsinzi yacu yatsinze isi, n’ukwizera kwacu. 5#1 Yoh 4:4.Ni nde atsinda isi, atar’ uwizera yuko Yesu ar’ Umwana w’Imana? 6#Yoh 19:34, 35.Ni we Yesu Kristo yaje agaca mu mazi no mu maraso: si mu mazi yonyene, ariko ni mu mazi no mu maraso. 7Kandi Mpwemu ni we abishingira intahe, kuko Mpwemu ar’ ukuri. 8Kukw ibishinga intahe ari bitatu, Mpwemu n’amazi n’amaraso: kand’ ivyo bitatu bihuriza hamwe. 9#Yoh 5:32, 36; 8:18.Ko twemera intahe ishinzwe n’abantu, intahe y’Imana yo n’agaheta: kukw intahe y’Imana ar’ iyi, ar’ uko yashingiye intahe ivy’ Umwana wayo. 10#Rom 8:16; 1 Kor 15:15.Uwizera Umwana w’Imana ni we afise iyo ntahe muri we; ūtizera Imana aba ayigize umubeshi, kukw atemeye intahe Imana yashingiye Umwana wayo. 11Kand’ iyo ntahe n’iyi: n’ukw Imana yaduhaye ubugingo budashira, kand’ ubgo bugingo ko buri mu Mwana wayo. 12#Yoh 3:36.Ūfise Umwana wayo ni we afise ubgo bugingo; ūdafise Umwana w’Imana ntafise ubgo bugingo.
Amajambo yo guherezako
13 #
Yoh 20:31. Ivyo ndabibandikiye, mwebge mwizeye izina ry’Umwana w’Imana, kugira ngo mumenye yuko mufise ubugingo budashira. 14#1 Yoh 3:21, 22; Yoh 14:13; 16:23.Kand’ ubu ni bgo bushizi bg’ubgoba dufise kuri yo, n’ukw iyo dusavye ikintu cose gihwanye n’ivy’ igomba, itwumva. 15Kandi ko tuzi yuko yumva ico dusavye cose, bitumenyesha yuko duhawe ivyo tuyisavye. 16#Mat 12:31; Heb 6:4-6.Umuntu ni yabona mwene Data wundi akora icaha kitar’ ico kumwicisha, asenge, azohesha ubugingo abakoze ivyaha bitar’ ivyo kubicisha. Har’ icaha co kwicisha: ico si co mvuze kw asengera. 17Kugabitanya kwose n’icaha, kandi har’ icaha kitar’ ico kwicisha.
18 #
1 Yoh 3:9; Yoh 17:15. Turazi yuk’ umuntu wese avyawe n’Imana adakora ivyaha, arik’ umwe yavyarwa n’Imana aramuzigama, kandi wa Mubi ntamukorako. 19#Gal 1:4; Yoh 8:47.Turazi yuko tur’ ab’ Imana, kand’ isi yose iri muri wa Mubi. 20#Yoh 17:3; Rom 9:5.Kandi tuzi yuk’ Umwana w’Imana yaje, akaduha ubgenge ngo tumenye Iy’ ukuri, kandi turi mu Y’ukuri, turi mu Mwana wayo Yesu Kristo. Iyo ni yo Mana nyakuri, n’ubugingo budashira. 21#1 Kor 10:14.Bana bato, mwirinde ibigirwamana.
Currently Selected:
1 Yohana 5: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967