1
2 Ab’i Korinto 5:17
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
RUN1967
Nuko rer’ umuntu wese iy’ ari muri Kristo, aba ar’ icaremwe gisha: ivya kera biba bihise, vyose biba bicitse bisha.
Compare
Explore 2 Ab’i Korinto 5:17
2
2 Ab’i Korinto 5:21
Umwe atigeze kumenya icaha, Imana yamuhinduye icaha kubgacu, kugira ngo muri we duhinduke ukugororoka kw’Imana.
Explore 2 Ab’i Korinto 5:21
3
2 Ab’i Korinto 5:7
kuko tugenda turōngōrwa n’ukwizera, ntiturōngōrwa n’ivyo tubona
Explore 2 Ab’i Korinto 5:7
4
2 Ab’i Korinto 5:18-19
Arikw ivyo vyose biva ku Mana, yatwiyujujeko kubga Kristo, ikaduha igikorwa co kugabura umwuzuzo, ni kwo kuvuga yukw Imana yari muri Kristo yiyuzuza n’abari mw isi, ntiyabaharūrakw ibicumuro vyabo, kandi yatubīkije ijambo ry’umwuzuzo.
Explore 2 Ab’i Korinto 5:18-19
5
2 Ab’i Korinto 5:20
Ni co gituma tur’ intumwa mu gishingo ca Kristo, Imana isa n’ībingingira muri twebge. Turabinginga mu gishingo ca Kristo, mwuzure n’Imana.
Explore 2 Ab’i Korinto 5:20
6
2 Ab’i Korinto 5:15-16
Kand’ icatumye apfira bose kwar’ ukugira ngw abariho babeho batacinezereza, ariko babeho banezereza uwabapfiriye, akabazukira. Ni co gituma uhereye none tutakigira uwo tumenya ku vyo ku rukoba; naho twari tuzi Kristo mu vy’ umubiri, ariko none ntitukimumenya durtyo.
Explore 2 Ab’i Korinto 5:15-16
7
2 Ab’i Korinto 5:14
Kuk’ urukundo rwa Kristo rutugōbēra, kand’ ico tuzi tudakekeranya n’uk’ umwe yapfiriye bose, nuko rero bose bārapfuye.
Explore 2 Ab’i Korinto 5:14