YouVersion Logo
Search Icon

2 Ab’i Korinto 3

3
Abakijijwe baba ar’ icete canditse Kristo
1 # 2 Kor 5:12; Rom 16:1; Ivyak 18:27. Mbega dutanguye kwongera kwishimagiza? Canke turinda ivyete vyo kudushimagiza, mwandikiwe canke mwanditse, nk’uko bamwe bandi bagomba? 2#1 Kor 9:2.Ni mwebge cete cacu, canditswe ku mitima yacu, ico abantu bose bamenya bagasoma. 3#Kuv 24:12; 31:18; 34:1; Imig 3:3; 7:3; Ezk 11:19; 36:26; Yer 31:33; Rom 15:16.Kuko muboneka ko mur’ icete Kristo yatwandikishije, nk’ukw igikorwa cacu kiri; kitandikishijwe wino, ariko candikishijwe Mpwemu w’Imana nzima; kitanditswe ku bisate vy’amabuye, ariko canditswe ku bisate ni vyo mitima y’inyama.
4Uko ni ko twizigira Imana kubga Kristo, 5#2 Kor 2:16.s’uko dushobora ubgacu kwiyumvira ikintu cose nk’ah’ ari twebge candurutseko, ariko dushobozwa n’Imana; 6#Yer 31:31; 1 Kor 11:25; Rom 7:6; Yoh 6:63.ni yo yadushoboje kuba abakozi b’isezerano risha, yamara s’abakozi b’ivyandikishijwe inyuguti, ariko n’ab’ impwemu: kukw ivyandikishijwe inyuguti vyicisha, arikw impwemu ihesha ubugingo.
Ubgiza bg’ubutumwa buruta ubg’ ivyagezwe
7 # Kuv 34:30. Yamar’ ubgo bugabuzi bgandikishijwe inyuguti zikorogoshowe mu mabuye bgaganzwa n’urupfu, naho bgari bgazananye n’ubgiza. Arik’ ubgo bgiza, naho bgagenda bushira, bgatumye Abisirayeli badashobora gutumbera mu maso ha Mose. 8#Gal 3:2, 5.None ko vyabaye birtyo, ubugabuzi buganzwa na Mpwemu ntiburushiriza cane kuzanana n’ubgiza? 9#Gus 27:26; Rom 1:17; 3:21.Ubugabuzi bgo gutsindwa kw ar’ ubgiza, ubugabuzi bgo kugororoka burushiriza kugira ubgiza bg’akaburarugero. 10#Kuv 34:29.Mber’ icari gisanganywe ubgiza nta bgiza kigifise, kuko haje ubgiza bukirengeye. 11Igishira ko cari n’ubgiza, igihoraho kirushiriza cane kugira ubgiza.
12Nuko ko dufise icizigiro kingana girtyo, tuvuga tutabobotereza na gatoya, 13#Kuv 34:33, 35.ntidusa na Mose, yitwikira mu maso, kugira ngw Abisirayeli ntibahange amaso iherezo ry’ubgariko buraherengetera. 14#Rom 11:25.Arikw imitima yabo irakomantara. Kuko gushitsa na bugingo n’ubu, ca citwikiro kikiriho mw isomwa ry’isezerano rya kera, ntikirakūrwaho, kuko muri Kristo ari ho giherera. 15Ariko gushitsa n’ubu, ivya Mose iyo bisomwa ico citwikiro kiba ku mitima yabo: 16#Rom 11:23, 26; Kuv 34:34.yamara, iy’ umuntu ahindukiriye Umwami, ico citwikiro gica gikūrwaho. 17#Yoh 7:39; 8:36; Kuv 16:7; 24:17; Rom 8:2.Arik’ uwo Mwami ni we Mpwemu: kand’ aho Mpwemu w’Umwami ari, ni ho haba umwidegemvyo. 18Tweho twese, ko tutitwikiriye mu maso, tukerekana nk’icirore ubgiza bg’Umwami, turahinduka, tugashushanywa n’iyo shusho, tukava mu bgiza tukaja mu bundi, nk’abahindurwa n’Umwami, ari we Mpwemu.

Currently Selected:

2 Ab’i Korinto 3: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in