YouVersion Logo
Search Icon

2 Ab’i Korinto 2

2
1 # 2 Kor 12:21; 1 Kor 4:21. Ariko nagabiye mu mutima kutazogaruka i wanyu nzanye umubabaro. 2Ni nabatera umubabaro, ūzonnezereza ni nde? S’uwo nteye umubabaro nyene? 3Kandi nandikiye ivyo, kugira ngw aho nzozira noye guterwa umubabaro n’abari bakwiye kunnezereza: kuko mbizigira mwese yuk’ umunezero wanje ari wo wanyu mwese. 4#Ivyak 20:31.Nabandikiye mfise intuntu nyinshi, umutima wamvuyemwo, ndira amarira menshi; ntikwar’ ukugira ngo muterwe umubabaro mwebge, ariko kwar’ ukugira ngo mumenye urukundo ndushiriza kubagirira.
Uwihannye akwiye guharirwa no kwākīrwa
5 # 1 Kor 5:1. Ariko namba har’ umuntu ateye umubabaro, si jewe awuteye, ariko ni mwebge awuteye mwese — singomba kubababaza cane, ariko bamwe n’agace. 6Ico gihano abenshi bāmuhannye, kiramaze k’ūmeze artyo, 7none ni co gituma mukwiye cane‐cane kumuharira, no kumwirura, ng’ūmeze artyo ntarengerwe n’umubabaro usāgutse. 8Nuko ndabinginga mukomeze urukundo kuri we. 9#2 Kor 7:15.Kukw icanteye kubandikira ar’ iki: kwar’ ukugira ngo mbageze, mmenye uko muri, ko munyumvira muri vyose. 10#Luk 10:16.Arik’ uwo muribuharire wese, nanje ndamuharira: kuko nanje ico mpariye, namba har’ ico mparira, ngihariye kubganyu, mu nyonga za Kristo, 11#Luk 22:31.kugira ngo Satani ntaronke ic’ adutsindisha, kuko tutayobewe imigabo yiwe.
Abavuga ubutumwa baba ar’ ubumote bgiza mw isi
12 # Ivyak 14:27; 1 Kor 16:9. Arikw aho naja i Tirowa, njanywe n’ubutumwa bgiza bga Kristo, ngasanga nugururiwe urugi mu Mwami wacu, 13#Ivyak 20:1.nabuze uko nduhuka mu mutima wanje, kuko ntasanzeyo Tito mwene Data; nuko narabasezeye, nja i Makedoniya.
14Arikw Imana ishimwe, yama itujana nk’abafashwe mpiri muri Kristo, idutera kwerekana ubumote bgo kumumenyekanisha ahantu hose. 15#1 Kor 1:18.Kuko tur’ ubumote bgiza bga Kristo ku Mana, hagati y’abariko barakira n’abariko barahona. 16#2 Kor 3:5, 6; Luk 2:34.Kur’ abo tur’ agacūku k’urupfu kazana urupfu, kuri ba bandi tur’ ubumote bg’ubugingo buzana ubugingo. Kand’ ivyo ni nde abishobora? 17#2 Kor 1:12; 1 Pet 4:11.Kuko tutari nka bamwe benshi, bacurūrīsha ijambo ry’Imana, ariko tuvuga nk’abatagira ubugunge, bavuga ibiva ku Mana, ni ko tuvuga muri Kristo, imbere y’Imana.

Currently Selected:

2 Ab’i Korinto 2: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in