YouVersion Logo
Search Icon

1 Timoteyo 5

5
1 # Lew 19:32. Ntuhambarire umutāma, arik’ umuhanūre nka so, n’abakiri bato n’imisore ubahanūre nka bene nyoko, 2n’abatamakazi nyene nka ba nyoko, n’abakiri bato n’abigeme nka bashiki bawe, uri n’umutima utanduye na gatoya.
Ukw abapfakazi bakwiye kugirirwa mw ishengero
3Wubahe abapfakazi b’inyakamwe vy’ukuri. 4Ariko, umupfakazi wese, namb’ afise abana cank’ abuzukuru, ni babanze kwiga kwubaha Imana ku vyo bagirira ababo, no kwishura ivyiza abavyeyi babo: kukw ivyo ari vyo bishimwa mu nyonga z’Imana. 5#Yer 49:11; Luk 2:37; 18:7.Umupfakazi w’inyakamwe asigaye ar’ umwe, yizigira Imana, agashishikara kwinginga no gusenga ku murango no mw ijoro. 6Ariko, uwihaye ukwifuza aba apfuye ahagaze. 7Ubabgirize ivyo, kugira ngo ntibabek’ umugayo. 8Arik’ umuntu n’atātunga abo mu nzu y’i wabo, cane‐cane abiwe, azoba yihakanye ukwizera, kand’ azoba abaye hanyuma y’ūtizera.
9Ntihakagire umupfakazi yandikirwa gufashwa ataramara imyaka mirongwitandatu y’amavuka, kandi handikwe uwar’ afiswe n’umugabo umwe gusa, 10#Heb 13:2; Yoh 13:14.handikwe ūshimirwa ibikorwa vyiza, namba yararera abana, namba yaratanga indāro, yarōza ibirenge vy’abera, yarafasha abababaye, yarashishikara gukurikira ibikorwa vyiza vyose. 11Arikw abapfakazi bakiri bato ntubemerere, kuko kwifuza kw’umubiri ni kwamara kubatera kugarariza Kristo bazogomba kwābīrwa, 12bagatsindwa n’urubanza kuko bavuye mw isezerano ryabo rya mbere. 13#2 Tes 3:11.Kand’ ikindi, biga kugira ubunebge, bagenda imihana; ariko rero s’ubunebge gusa, ikigeretseko bararegeteranya bīta mu bitar’ ivyabo, bavuga ivyo badakwiye. 14#1 Kor 7:9.Ni co gituma ngomba kw abapfakazi bakiri bato bābīrwa, bakavyara abana, bakubaka ingo zabo, ntibahe umurwanizi urwitwazo rw’ibitutsi. 15Kuko n’ubu bamwe bamaze guta inzira, ngo bakurikire Satani. 16Umugore wese yizera namb’ afise incuti z’abapfakazi, abafashe, ishengero ntiriremērwe, ribone gufasha abapfakazi b’inyakamwe.
Ivy’ abakuru b’ishengero
17 # Rom 12:8; Flp 2:29. Abakuru b’ishengero baganza neza ni babiyumvire ko bakwiye guhabga icubahiro kirushiriza, kandi cane‐cane abacumukura mu kuvuga ijambo ry’Imana no mu kwigisha. 18#Gus 25:4; 24:15; 1 Kor 9:9; Luk 10:7.Kukw icanditswe kivuga, ngo Ntimuze murumye umunwa w’inka irikw irasekura ingano; kandi ng’ Umukozi akwiye ingero yiwe. 19#Gus 19:15; Mat 18:16; 2 Kor 13:1.Umukuru ntukemere ico bazomukuregako hatabonetse ivyabona bibiri canke bitatu. 20#Gal 2:14.Abakora ivyaha ubahanire mu maso ya bose, kugira ngw abandi na bo batinye. 21#Luk 9:26.Ndakwihanikiririza mu nyonga z’Imana na Yesu Kristo n’imbere y’abamarayika bātoranijwe, witondere ivyo, ntuce urw’ umwe, ntukore ivyo guca urwa nkunzi. 22#1 Tim 4:14.Ntukagire umuntu wihutira kurambikakw ibiganza, kandi ntugafatanye n’abandi mu vyaha vyabo. Uze wame wirinda ubuhumane.
23Uhereye none ntunywe amazi gusa, arik’ unywe n’utuvino duke kubgo mu nda hawe, kuk’ urwaragurika.
24Har’ abantu ivyaha vyabo biboneka bikabītangira imbere mu kuja mu rubanza; hari n’abandi bibāza inyuma. 25Kand’ ibikorwa vyiza na vyo n’uko, har’ ibiboneka; kandi n’ibitameze birtyo ntibishobora kunyegezwa.

Currently Selected:

1 Timoteyo 5: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in