Bible App logo
Search Icon

1 Petero 4

4
Ivy’ ukureka icaha
1 # Rom 6:2, 7. Nuko kuko Kristo yababarijwe mu mubiri, mwitwaze nk’ibirwanishwa ben’ uyo mutima: kuk’ ūbabarijwe mu mubiri aba amaze kureka icaha, 2#1 Yoh 2:16, 17.kugira ngw amare imisi isigaye akiri mu mubiri atagikorera ivyifuzo vy’abantu, arikw akora ivy’ Imana igomba. 3#Ef 2:2, 3; Tit 3:3.Kukw igihe cashize gihāgije gukora ivy’ abanyamahanga bakunda gukora, no kugendera mu ngeso z’isoni nke, n’izo kwifuza, no kunohorwa na vino, no kudandahirwa, no kurundāna aho bateretse, n’ibizira vyo gusenga ibigirwamana. 4Birabatangaza yuko mudafatanya na bo kwirukira mu birenze urugero vy’ubuhumbu, bakabarementaniriza; 5#Ivyak 10:42; 2 Tim 4:1; Rom 14:9, 10.mugabo ni bo bazobazwa ivyo n’uwiteguye kuzoca imanza z’abakiriho n’abapfuye. 6#1 Pet 3:19; Rom 8:10; 1 Kor 5:5.Kukw icatumye abapfuye na bo bābariwe ubutumwa bgiza kwar’ ukugira ngo bacirirwe imanza mu mubiri mu buryo bg’abantu, ariko babeho mu mpwemu mu buryo bg’Imana.
7 # 1 Kor 10:11; 1 Yoh 2:18. Arik’ umuhero wa vyose uri hafi: nuko ntimuhugumbe, mwirinde, kugira ngo mubone uko mushishikara gusenga. 8#Imig 10:12; 1 Pet 1:22; Yak 5:20; 1 Kor 13:7.Ikiruta vyose, mukovye mu gukundana, kuk’ urukundo rupfuka ivyaha vyinshi. 9#Heb 13:2.Muhāne indāro mutidodomba. 10#Luk 12:42.Nk’uk’ umuntu wese yagabiwe ingabire muzigaburirane, nk’uko bibereye ababgiriza beza b’ubuntu bg’Imana bg’uburyo bginshi. 11#Rom 3:2; 12:7; 1 Kor 10:31.Umuntu iy’ avuze, avuge nk’ūbivugishijwe n’Imana: umuntu iy’ agabuye, agabure nk’ūfise ubushobozi Imana itanga; kugira ngw Imana iterwe icubahiro muri vyose, kubga Yesu Kristo, afise icubahiro n’ububasha ibihe bitazoshira. Amen.
Ivy’ ugufatanya n’imibabaro ya Kristo
12 # 1 Pet 1:6, 7. Abo nkunda, umuriro uri hagati yanyu wo kubagerageza ntukabatangaze, nk’aho mubonye akatābonetse. 13#Ivyak 5:41; Yak 1:2; Rom 8:17; 2 Tim 2:12.Ariko munezerezwe n’uko mufatanije n’imibabaro ya Kristo, kugira ngo no mu gihe co guhishurwa kw’ubgiza bgiwe muze munezerwe muhimbarwe. 14#1 Pet 2:20; Yes 11:2; Zab 89:50, 51.Iyo mututswe muhōwe izina rya Kristo, muba muhiriwe: kuko Mpwemu w’ubgiza, ari we Mpwemu w’Imana, aba kuri mwebge. 15Ntihakagire umuntu wo muri mwebge ahōrwa kuba umwicanyi canke kuba igisuma canke kuba inkozi y’ikibi canke kwita mu vyo atagezwemwo. 16#Ivyak 11:26; Flp 1:20.Ariko ni hāgira ūhōrwa kuba Umukristo, yoye kumāramāra, arikw aheshe Imana icubahiro kubg’ iryo zina. 17#Ezk 9:6; Yer 25:29; 2 Tes 1:8.Kukw igihe gishitse c’uk’ urubanza rutangurira mu b’inzu y’Imana: none ko rutanguriye kuri twebge, iherezo ry’abatumvira ubutumwa bgiza bg’Imana rizomera rite? 18#Imig 11:31; Luk 23:31.Kandi k’umugororotsi akizwa agarukiye ku manga, ūtubaha Imana n’umunyavyaha bazoboneka hehe? 19#Zab 31:5.Nuko rer’ abababazwa nk’ukw Imana igomba ni babītse ubugingo bgabo uwo Muremyi wo kwizigirwa, bakore ivyiza.

Currently Selected:

1 Petero 4: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in