1 Petero 2
2
Ivy’ ibuye rifise ubugingo
1 #
Ef 4:22; Yak 1:21. Nuko rero mwiyambure inzigo yose n’ubugunge bgose n’uburyarya n’ishari no kuvuga abandi nabi kwose, 2#1 Kor 3:2; Heb 5:12, 13; Mat 18:3.mumere nk’inzoya zivutse vuba, mwifuze amata y’umutima adafunguye, kugira ngw abakuze abashitse ku gakiza; 3#Zab 34:8.asangwa mwarayumvirije mukumva yuk’ Umwami wacu agira neza.
4 #
Zab 118:22; Yes 28:16; Mat 21:42; Ivyak 4:11. Nuko mumwēgēre, ari we buye rifise ubugingo, ryagawe n’abantu, ariko ku Mana ryaratoranijwe, riri n’igiciro, 5#Ef 2:21, 22; Rom 12:1.mwubakwe nk’amabuye afise ubugingo, kugira ngo mube inzu yo mu buryo bg’impwemu, mugire ibango ry’ubuherezi ryera, ngo mutange ibimazi mu buryo bg’impwemu, bishimwa n’Imana kubga Yesu Kristo. 6Kuko mu vyanditswe harimw’ aya majambo,
ngo Rāba, ndashira i Siyoni ibuye rigumya imfuruka, ryatoranijwe, riri n’igiciro,
Kand’ ūryizera ntazomāramāzwa.#Yes 28:16; Rom 9:33.
7Nuko mwebge abizera ni mwebge mwagerewe ico giciro, ariko ku banka kwizera,
ngw Ibuye abubatsi bāgaye,
Ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka,#Zab 118:22; Mat 21:42.
8N’ibuye ritsitaza n’urutare rugwisha;
kuko batsitara kw ijambo ry’Imana, bataryumvira: kandi ni co bāshiriweho.#Yes 8:14; Rom 9:33.
Ivy’ ihanga ryera
9 #
Yes 43:20; Kuv 19:6; Ivyak 26:18; 2 Kor 4:6; Ef 5:8; Flp 2:15; Ivyah 1:6. Ariko mweho mur’ ubgoko bgātoranijwe, mukoranije kuba abami n’abaherezi, mur’ ihanga ryera, abantu bāshiriweho kuba inyegu yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ry’Iyabahamagaye, ikabakūra mu mwiza, ikabashitsa mu muco wayo utangaje: 10#Hos 1:6, 9; 2:1, 23; Rom 9:25.kera nta bantu mwarimwo, ariko noneho mur’ abantu b’Imana; kera ntimwaribgagirirwe imbabazi, ariko noneho mwarazigiriwe.
11 #
Zab 39:12; Gal 5:17, 24; Ef 2:19; Yak 4:1. Abo nkunda, ndabinginga, ko mur’ inyambukīra n’ingenzi mwirinde ivyifuzo vy’umubiri birwanya ubugingo; 12#Yes 10:3; Mat 5:16; Yak 3:13.mugire ingeso nziza mu mahanga, kugira ngo, no ku vyo babavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, ibikorwa vyanyu vyiza babona bize bitume bahimbaza Imana ku musi ibagendeye.
Ivy’ ukugamburukira abaganza
13 #
Rom 13:1-7; Tit 3:1. Kubg’ Umwami wacu, ubukuru bgose bgashizweho n’abantu mubugamburukire: ar’ umwami, kukw ari we gaheta; 14cank’ abakuru, kukw ari bo atuma guhana inkozi z’ibibi no gushima inkozi z’ivyiza. 15#1 Pet 3:16.Kukw ivy’ Imana igomba ar’ uk’ ugukora neza kwanyu kuba agahomerabunwa ku bantu b’imburabgenge batagira ico bazi: 16#Gal 5:13.ngo mube nk’abidegemvya, arikw atar’ ukugira umwidegemvyo wanyu igitwikirizo c’inzigo, ariko mube nk’abagurano b’Imana. 17#Rom 12:10; Imig 24:21; Mat 22:21.Mwubahe abantu bose; mukunde bene Data; mutinye Imana; mwubahe umwami.
Tugamburukire abaganza nk’uko Kristo yagamburutse
18 #
Ef 6:5; Tit 2:9. Bashumba, mugamburukire ba shobuja, mububashe rwose, atar’ ababagirira neza n’ababihanganira gusa, ariko n’abadadika. 19Kukw igishimwa ar’ uk’ umuntu, namb’ ahanūwe n’ijwi ryo mu mutima gukora ivy’ Imana igomba, yokwihanganira imibabaro ahōwe ubusa. 20#1 Pet 3:14, 17; 4:13, 14; Mat 5:10.Mwokwihanganira gukubitwa ibipfunsi muhōwe icaha, mwokwihaya iki? Ariko mwokwihanganira kubabazwa muhōwe gukora neza, ivyo ni vyo bishimwa ku Mana. 21#Mat 16:24; Yoh 13:15.Ivyo ni vyo mwahamagariwe, kuko na Kristo yabababarijwe, akabasigarana icitegererezo, kugira ngo mugere ikirenge mu ciwe. 22#Yes 53:9; Yoh 8:46; 2 Kor 5:21.We nta caha yakoze, kandi nta bugunge bgabonetse mu kanwa kiwe; 23yaratutswe, ntiyabasubiza; yarababajwe, ntiyabahigira; ariko yiha Īdaca urwa nkunzi. 24#Yes 53:12; 1 Yoh 3:5; Rom 6:11; Heb 9:28.Ubgiwe yikoreye ivyaha vyacu mu mubiri wiwe, abambge ku giti, kugira ngo dupfuye ku vyaha tubeho ku kugororoka; inguma ziwe ni zo zabakijije. 25#Yes 53:6; Ezk 34:5; 1 Pet 5:4; Yoh 10:11.Kuko mwari muzimiye nk’intama, ariko noneho mugarutse ku Mwungere w’ubugingo bganyu, ari we nyene abujējwe.
Currently Selected:
1 Petero 2: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967