1
1 Petero 2:9
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
RUN1967
Ariko mweho mur’ ubgoko bgātoranijwe, mukoranije kuba abami n’abaherezi, mur’ ihanga ryera, abantu bāshiriweho kuba inyegu yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ry’Iyabahamagaye, ikabakūra mu mwiza, ikabashitsa mu muco wayo utangaje
Compare
Explore 1 Petero 2:9
2
1 Petero 2:24-25
Ubgiwe yikoreye ivyaha vyacu mu mubiri wiwe, abambge ku giti, kugira ngo dupfuye ku vyaha tubeho ku kugororoka; inguma ziwe ni zo zabakijije. Kuko mwari muzimiye nk’intama, ariko noneho mugarutse ku Mwungere w’ubugingo bganyu, ari we nyene abujējwe.
Explore 1 Petero 2:24-25
3
1 Petero 2:10
kera nta bantu mwarimwo, ariko noneho mur’ abantu b’Imana; kera ntimwaribgagirirwe imbabazi, ariko noneho mwarazigiriwe.
Explore 1 Petero 2:10
4
1 Petero 2:2
mumere nk’inzoya zivutse vuba, mwifuze amata y’umutima adafunguye, kugira ngw abakuze abashitse ku gakiza
Explore 1 Petero 2:2
5
1 Petero 2:11-12
Abo nkunda, ndabinginga, ko mur’ inyambukīra n’ingenzi mwirinde ivyifuzo vy’umubiri birwanya ubugingo; mugire ingeso nziza mu mahanga, kugira ngo, no ku vyo babavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, ibikorwa vyanyu vyiza babona bize bitume bahimbaza Imana ku musi ibagendeye.
Explore 1 Petero 2:11-12
6
1 Petero 2:5
mwubakwe nk’amabuye afise ubugingo, kugira ngo mube inzu yo mu buryo bg’impwemu, mugire ibango ry’ubuherezi ryera, ngo mutange ibimazi mu buryo bg’impwemu, bishimwa n’Imana kubga Yesu Kristo.
Explore 1 Petero 2:5
7
1 Petero 2:1
Nuko rero mwiyambure inzigo yose n’ubugunge bgose n’uburyarya n’ishari no kuvuga abandi nabi kwose
Explore 1 Petero 2:1
8
1 Petero 2:4
Nuko mumwēgēre, ari we buye rifise ubugingo, ryagawe n’abantu, ariko ku Mana ryaratoranijwe, riri n’igiciro
Explore 1 Petero 2:4
9
1 Petero 2:16
ngo mube nk’abidegemvya, arikw atar’ ukugira umwidegemvyo wanyu igitwikirizo c’inzigo, ariko mube nk’abagurano b’Imana.
Explore 1 Petero 2:16
10
1 Petero 2:15
Kukw ivy’ Imana igomba ar’ uk’ ugukora neza kwanyu kuba agahomerabunwa ku bantu b’imburabgenge batagira ico bazi
Explore 1 Petero 2:15