Bible App logo
Search Icon

1 Yohana 4

4
Gusuzuma abavugishwa n’Imana kw ar’ ab’ ukuri
1 # 1 Tes 5:21; Mat 7:15. Abo nkunda, ntimwemere impwemu zose, ariko mugerageze impwemu ko zavuye ku Mana: kukw abigira abavugishwa n’Imana benshi bādutse mw isi. 2#1 Kor 12:3.Iki abe ari co kibamenyesha Mpwemu w’Imana: impwemu yose yatura Yesu Kristo ko yaje afise umubiri, iba yavuye ku Mana, 3#1 Yoh 2:18; Yoh 8:17.kand’ impwemu yose itatura Yesu irtyo ntiba yavuye ku Mana: kand’ iyo mpwemu iba ar’ iya Antikristo, iyo mwumvise kw izoza, kandi n’ubu iramaze gushika mw isi. 4#Mat 12:29.Mweho mur’ abava ku Mana, bana bato, kandi ba bandi mwarabanesheje: kuk’ Ūri muri mwebge aruta ūri mu b’isi. 5#Yoh 15:19.Abo n’abava mw isi, ni co gituma bavuga ivy’ isi, ab’ isi bakabumvira. 6#Yoh 8:47.Tweho tur’ abava ku Mana; ūzi Imana aratwumvira; ūtava ku Mana ntatwumvira. Ico ni co kitumenyesha impwemu y’ukuri n’impwemu izimiza.
Urukundo rw’Imana bo n’urw’ abantu
7 # 1 Yoh 2:29. Abo nkunda, dukundane: kuk’ urukundo ruva ku Mana. Umuntu wese akundana yavyawe n’Imana, kand’ azi Imana. 8Ūdakundana, ntazi Imana, kukw Imana ar’ urukundo. 9#Yoh 3:16.Iki ni co caseruye urukundo rw’Imana muri twebge, n’ukw Imana yarungitse Umwana wayo w’ikinege mw isi, kugira ngo duheshwe ubugingo na we. 10#1 Yoh 2:2.Iki ni co kirimw’ urukundo, s’uko twebge twakunze Imana, ariko n’ukw ari yo yadukunze, igatuma Umwana wayo kuba impongano y’ivyaha vyacu. 11#Mat 18:33.Abo nkunda, kw Imana yadukunze irtyo, natwe dukwiye gukundana. 12#Yoh 1:18.Nta wigeze kubona Imana. Dukundanye, Imana iguma muri twebge, no kuyikunda kuba guhīngūwe muri twebge.
13 # 1 Yoh 3:24; Rom 5:5. Iki ni co kitumenyesha yuko tuguma muri yo, na yo ikaguma muri twebge, n’uko yaduhaye kuri Mpwemu wayo. 14#Yoh 3:17.Natwe twarabibonye, tubishingira intahe, yuko Data wa twese yatumye Umwana wiwe kuba Umukiza w’isi yose. 15#1 Yoh 5:5.Uwatura yuko Yesu ar’ Umwana w’Imana, Imana iguma muri we, na we akaguma mu Mana. 16Natwe twamenye kandi twizeye urukundo Imana idufitiye. Imana n’urukundo; kand’ ūguma mu rukundo aguma mu Mana, Imana ikaguma muri we. 17#1 Yoh 2:28.Ico ni co kimaze guhīngūra urukundo muri twebge, kugira ngo tuze dushire ubgoba ku musi w’amateka, kuk’ ukw ari, ari ko turi mur’ iyi si. 18Nta bgoba buba mu rukundo, arik’ urukundo ruhīngūwe rusenda ubgoba, kuk’ ubgoba bugendana n’igihano, kand’ ūfise ubgoba ntarahīngūrirwa mu rukundo. 19Twebge tugira urukundo, kukw ari yo yabanje kudukunda. 20Umuntu ni yavuga, ati Nkunda Imana, akanka mwene Data wundi, aba ar’ umubeshi. Kuk’ ūdakunda mwene Data yabonye ntashobora gukunda Imana atābonye. 21#Mrk 12:29-31.Kandi dufise iki cagezwe kuri yo, ng’ Ūkunda Imana akunde na mwene Data wundi.

Currently Selected:

1 Yohana 4: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in