Bible App logo
Search Icon

1 Yohana 3

3
Urukundo rwa Data wa twese rwaduhinduye abana biwe
1 # 1 Yoh 5:20; Yoh 1:12, 13; 16:3. Murābe urukundo uko rungana Data wa twese yatugiriye, ko twitwa abana b’Imana; kandi ni ko turi. Ni co gituma ab’ isi batatuzi, kuko batayimenye. 2#1 Yoh 2:28; Rom 8:17; 2 Kor 3:18; Flp 3:21; Kol 3:4; Kuv 34:29.Abo nkunda, none tur’ abana b’Imana, arik’ uko tuzomera ntikurahishurwa; ico tuzi, n’uko Yesu ni yahishurwa tuzosa na we, kuko tuzomurāba ukw ari. 3Kand’ umuntu wese amuzigakw ivyo, ariyeza, nk’uk’ uwo ar’ uwera.
Gukora ivyaha ntikubereye abana b’Imana
4 # Mat 7:23. Umuntu wese akora icaha akora ivy’ ubugarariji; kand’ icaha ni co mugararizo. 5#Yes 53:4; 1 Pet 2:24.Kandi murazi yuk’ uwo yahishuwe kugira ngw akūreh’ ivyaha, kand’ ata caha kiri muri we. 6#Rom 6:14.Umuntu wese aguma muri we ntakora ivyaha; ūkora ivyaha wese ntiyamubonye kandi ntiyamumenye. 7#1 Yoh 2:29.Bana bato, ntihakagire ūbazimiza: ūkora ibigororotse ni we agororoka, nk’uk’ uwo agororoka. 8#Yoh 8:44.Ūkora ivyaha n’uwa wa Murwanizi, kuk’ uhereye ubga mbere na mbere uwo Murwanizi yamye akora ivyaha. Icatumye Umwana w’Imana ahishurwa ngiki: n’ukugira ngw asangangure ibikorwa vy’Umurwanizi. 9#1 Yoh 5:18.Umuntu wese yavyawe n’Imana ntakora ivyaha, kukw imbuto yayo iguma muri we; kandi ntashobora gukora ivyaha, kuko yavyawe n’Imana. 10Iki ni co kimenyekanisha abana b’Imana n’abana b’Umurwanizi: ūdakora ibigororotse wese s’uw’ Imana, cank’ ūdakunda mwene Data wundi.
11 # Yoh 13:34; 15:12. Kuk’ ubu ari bgo butumwa mwumvise uhereye mbere na mbere, ngo dukundane; 12#Ita 4:8.ntiduse na Kayini, yar’ uwa wa Mubi, akica murumuna we. Kand’ icatumye amwica n’iki? N’ukw ibikorwa vyiwe vyari bibi, ivya murumuna we bikaba vyiza.
Ukw abana b’Imana bakwiye gukundana
13 # Mat 5:11; Yoh 15:18, 19. Bene Data, ntimutangazwe n’ukw ab’ isi babanka. 14#1 Yoh 2:11; Yoh 5:24.Twebge turazi yuko twavuye mu rupfu, twashitse mu bugingo, kuko dukunda bene Data. Ūdakundana yama mu rupfu. 15#Mat 5:21, 22; Yoh 8:44.Uwanka mwene Data wundi n’umwicanyi; kandi murazi yukw ata mwicanyi yogira ubugingo budashira ngo bugume muri we. 16#Yoh 13:1; 15:13; Gal 2:20.Iki ni co kitumenyesha urukundo, n’uk’ uwo yatanze ubugingo bgiwe kubgacu: natwe dukwiye gutanga ubugingo bgacu kubga bene Data. 17#1 Yoh 4:20; Gus 15:7.Arik’ ūfise ibintu vyo mw isi, akabona mwene Data wundi akennye, akazitira imbabazi ziwe kur’ uyo, mbeg’ ugukunda Imana kwoguma muri we gute? 18#Yak 1:22; 2:15, 16.Bana bato, ntidukundane mu majambo canke ku rurimi, ariko dukundane mu vyo dukora no mu kuri.
19Ico ni co kizotumenyesha ko tur’ ab’ ukuri, kandi tuzoshitsa umutima mu nda imbere yayo, 20mu vy’ imitima yacu idutsindisha vyose, kukw Imana iruta imitima yacu, kand’ izi vyose. 21#Rom 5:1; Heb 4:16.Abo nkunda, imitima yacu iy’ itadutsindishije, turashira ubgoba imbere y’Imana; 22#Mrk 11:24.kand’ ico dusaba cose tugihabga na yo, kuko twitondera ivyagezwe vyayo, tugakora ibishimwa imbere yayo. 23#Yoh 6:29; 15:17.Kand’ icagezwe cayo ngiki: n’uko twizera izina ry’Umwana wayo Yesu Kristo, tugakundana, nk’uko yatubariye. 24#1 Yoh 4:13; Rom 8:9.Kand’ uwitondera ivyagezwe vyayo aguma muri yo, na yo ikaguma muri we. Kand’ ikitumenyesha yukw iguma muri twebge, ni Mpwemu yaduhaye.

Currently Selected:

1 Yohana 3: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in