Bible App logo
Search Icon

1 Yohana 2

2
1 # Rom 8:34; Heb 7:25; Yoh 14:16. Bana banje bato, mbandikiye ivyo kugira ngo ntimukore icaha. Kandi ni hagira umuntu akora icaha, dufise Umwitsa kuri Data wa twese, ni Yesu Kristo umugororotsi, 2#Kol 1:20; Yoh 11:51.kand’ uwo ni we mpongano y’ivyaha vyacu, mugabo s’iy’ ivyacu twenyene, ariko n’iy’ ivy’ abari mw isi bose.
Icerekana k’ufatanije n’Imana n’ukuyumvira
3Iki ni co kitumenyesha ko tumuzi, ni twitondera ivyagezwe na we. 4#1 Yoh 1:8.Ūvuga ngo Ndamuzi, ntiyitondere ivyagezwe vyiwe, n’umubeshi, ukuri ntikuri muri we. 5#Yoh 14:21, 23; 1 Yoh 5:3.Arik’ uwitondera ijambo ryiwe wese, ugukunda Imana kuba guhīngūwe muri we vy’ukuri. Iki ni co kitumenyesha ko turi muri we: 6#Yoh 13:15.ūvuga kw ahora muri we, akwiye na we kugenda nk’uk’ uwo yagenda.
7 # Yoh 13:34; Mat 5:17. Abo nkunda, s’icagezwe gisha mbandikiye, ariko n’icagezwe ca kera, mwamanye uhereye mbere na mbere: ico cagezwe ca kera ni co rya jambo mwumvise. 8#Rom 13:12; Yoh 13:34; 15:10, 12.Kandi ndabandikira icagezwe gisha, kand’ ico n’ic’ ukuri muri we no muri mwebge: kuk’ umwiza urik’ urashira, umuco w’ukuri umaze kwaka. 9#1 Yoh 4:20.Ūvuga kw ari mu muco, akanka mwene Data wundi, aba akiri mu mwiza na bugingo n’ubu. 10#Rom 14:13, 15; Yoh 11:9.Ūkunda mwene Data wundi aguma mu muco, nta gitsitaza kiri muri we. 11#Yoh 11:10; 12:35.Arik’ uwanka mwene Data wundi ari mu mwiza, kand’ agendera mu mwiza, ntazi iy’ aja, kuk’ umwiza wamuhumishije amaso.
12 # 1 Kor 6:11. Ndabandikiye bana bato, kukw ivyaha vyanyu mwabihariwe kubg’ izina ryiwe. 13#1 Yoh 1:1.Ndabandikiye ba se, kuko mwamenye uwahereye ubga mbere na mbere. Ndabandikiye misore, kuko mwanesheje wa Mubi. Narabandikiye bana bato, kuko muzi Data wa twese. 14#Ef 6:10.Narabandikiye ba se, kuko muzi uwahereye ubga mbere na mbere. Narabandikiye misore, kuko mufise inkomezi, kand’ ijambo ry’Imana rikaguma muri mwebge, kandi mwanesheje wa Mubi. 15#Yak 4:4.Ntimugakunde isi, cank’ ibiri mw isi. Umuntu ni yakunda isi, ugukunda Data wa twese ntikuzoba kuri muri we. 16#Imig 27:20; Yak 4:16; Tit 2:12.Kukw ikiri mw isi cose ar’ ivyifuzo vy’umubiri, n’ivyifuzo vy’amaso, n’ubgibone bg’ubu bugingo, bitanduruka kuri Data wa twese, ariko vyanduruka mw isi. 17#Mat 7:21; 1 Pet 4:2.Kand’ isi irikw irashirana n’ivyifuzo vyayo, arik’ ūkora ivy’ Imana igomba yamah’ ibihe bidashira.
Imbūri zivuga ivy’ abiyita Kristo
18 # Mat 24:5, 24; 1 Pet 4:7; 1 Kor 10:11. Bana bato, ubu n’igihe c’iherezo: kandi nk’uko mwumvise yuko Antikristo#2:18 Antikristo n’umurwanizi wa Kristo, yiyita Kristo. azoza, n’ubu hamaze guseruka ba Antikristo benshi: ni co gitumye tumenya kw ar’ igihe c’iherezo. 19#Ivyak 20:30; 1 Kor 11:19.Bavuye muri twebge, ariko ntibar’ abacu: iyo baba bar’ abacu, baba baragumanye natwe: arikw icatumye batuvamwo kwar’ ukugira ngo bahinyuke bose kw atar’ abacu. 20#1 Kor 2:15.Namwe mwarobanujwe amavuta n’Uwera, kandi muzi vyose. 21Sindabandikiye kuko mutazi ukuri, ariko n’uko mukuzi, kandi kukw ata binyoma biva mu kuri. 22Umubeshi ni nde, atar’ ūhakana ko Yesu ari Kristo? Ni we Antikristo, ahakana Data wa twese n’Umwana. 23#1 Yoh 4:15; Yoh 5:23; 15:23.Umuntu wese ahakana Umwana, na Data wa twese ntamufise: uwemera Umwana, afise na Data wa twese. 24Mweho ico mwumvise uhereye mbere na mbere kigume muri mwebge. Ico mwumvise uhereye mbere na mbere ni caguma muri mwebge, namwe muzoguma mu Mwana no muri Se. 25Iri ni ryo sezerano yadusezeraniye, n’ubugingo budashira.
26Ivyo ni vyo mbandikiye ku vy’abobazimiza. 27#Yoh 14:26; 16:13; Yer 31:34.Mweho ukurobanuzwa amavuta mwarobanujwe na we kuguma muri mwebge, namwe ntimurinda kugira uwo kubigisha, ariko nk’uk’ ukwo kubarobanura kwiwe kubigisha vyose, kand’ ar’ukw’ ukuri, atar’ ibinyoma, kandi nk’uko kwabigishije, ni ko muguma muri we.
28 # 1 Yoh 3:2; 4:17. Na none bana bato, mugume muri we, kugira ngo ni yahishurwa tuze dushire ubgoba, ntidutētererwe imbere yiwe ah’ azozira. 29#1 Yoh 3:7, 10.Ko muzi yuk’ uwo ar’ umugororotsi, murazi yuk’ ūkora ivy’ ukugororoka wese yavyawe na we.

Currently Selected:

1 Yohana 2: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in