YouVersion Logo
Search Icon

1 Ab’i Korinto 9

9
Paulo yanka kwirwanira
1 # 1 Kor 15:8; Ivyak 26:16; 22:17. Mbega sind’ uwidegemvya? Sind’ intumwa? Sinabonye Yesu Umwami wacu? Namwe ntimur’ igikorwa canje mu Mwami? 2#2 Kor 3:2, 3.Namba ku bandi ntar’ intumwa, ariko kuri mwebge ndi yo: kuko mur’ ikimenyetso#9:2 ikimenyetso: rāba Yoh 6:27. mu Mwami c’uko nd’intumwa.
3Ibi ni vyo nireguza ku bampinyura: 4#Luk 10:8.mbega ntitwemererwa kurya no kunywa? 5#Yoh 1:42.Ntitwokwemerewe kujana abagore bacu ari bene Data nk’ukw izindi ntumwa zikora, na bene nyina w’Umwami wacu, na Kefa? 6Canke jewe na Barunaba ni twebge twenyene tutemererwa kureka gukora? 7Ni nde yigeze kwitunga, ar’ umusoda? Ni nde yotera uruzabibu ntarye inzabibu zarwo? Canke ni nde yoragira ubusho, ntabunywe?
8Mbeg’ ivyo mbivuze mu buryo bg’abantu, cank’ ivyagezwe vyo ntibivuga birtyo? 9#Gus 25:4; 1 Tim 5:18.Kuko handitswe mu vyagezwe vya Mose, ngo Ntimuze murumye umunwa w’inka irikw irasekura ingano. Mbeg’ inka ni zo Imana ibabaye? 10#2 Tim 2:6.Canke se yabivuze kubgacu? Ego me, vyanditswe kubgacu; kuk’ umurimyi akwiye kurima afise ivyizigiro, kand’ umusekuzi akwiye gusekura yizigiye kw azohabgako. 11#Rom 15:27.Mbega ko twababivyemw’ ivy’ impwemu, none n’ibikomeye ko twokwimbura ivyanyu vy’umubiri? 12#Ivyak 20:34, 35; 1 Kor 13:7; 2 Kor 11:9.Abandi namba bāravyemerewe kuri mwebge, mbega ntitubarusha cane? Ariko ntitwarwaniye ivyo twemerewe, yamara twihanganira vyose, kugira ngo ntituzane ikidehesha ubutumwa bgiza bga Kristo. 13#Guh 18:8, 31; Gus 18:1-3.Ntimuzi yukw abakora ibikorwa vy’ivyera barya ivy’ urusengero, kand’ abakora ivy’ igicaniro basangira n’igicaniro? 14#Luk 10:7; Gal 6:6.Kandi n’Umwami wacu ni ko yageze kw abavuga ubutumwa bgiza batungwa n’ubutumwa.
15 # Ivyak 18:3. Ariko jewe ubganje nta co narwaniye mur’ ivyo: kandi sinandikiye ivyo kugira ngo nkorerwe ntyo. Ivyoba vyiza n’uko nopfuma mpfa, hak’ umuntu ahindura ubusa ivyo vyirato vyanje. 16#Yer 20:9.Iyo mvuga ubutumwa, singira ico nirata; kuko mfise ikingōbēra: ntavuze ubutumwa nobona ibara. 17#1 Kor 4:1.Ngenjeje ntyo mbikunze, ndagererwa; ariko ngenjeje ntyo ntabikunze na ho nyene ngōbērwa n’ububgiriza nizigiweko. 18#2 Kor 11:7; 12:13.Non’ ingero yanje n’inki? N’uk’ ubutumwa, uko mbuvuze, mbuvuga ku buntu, kugira ngo sindwanire ivyo nemerewe mu butumwa.
Umwete Paulo yagize kugira ngw ashikane abantu ku gakiza
19 # Mat 20:26, 27. Naho kuri bose nd’uwidegemvya, nihinduye umugurano wa bose, kugira ngo ndushirize kuronka benshi. 20#Ivyak 16:3; 21:20-26.Ku Bayuda nabaye nk’Umuyuda, kugira ngo ndonke Abayuda: ku baganzwa n’ivyagezwe nabaye nk’ūganzwa na vyo, nah’ ubganje ntaganzwa na vyo, kugira ngo ndonke abaganzwa n’ivyagezwe. 21#Gal 2:3.Ku bataganzwa n’ivyagezwe, nabaye nk’ūtaganzwa na vyo, kugira ngo ndonke abataganzwa n’ivyagezwe, yamara ku Mana ho sind’ ūtaganzwa n’ivyagezwe, kuko kuri Kristo nganzwa na vyo. 22#2 Kor 11:29; Rom 11:14.Ku badakomeye nabaye nk’ūdakomeye, kugira ngo ndonke abadakomeye. Kuri bose nabaye vyose kugira ngo nkirishe bamwe‐bamwe uburyo bgose. 23Kand’ ivyo vyose mbikora kubg’ ubutumwa bgiza, kugira ngo mfatanye n’abandi muri bgo.
Abagomba impēra bakwiye kugira umwete
24 # 2 Tim 4:7; Flp 3:14. Ntimuzi yuko mu birori abasiganwa biruka bose, arik’ ūhērwa akaba umwe? Namwe abe ari ko mwiruka, kugira ngo muronke impēra. 25#2 Tim 2:4, 5; 4:8; 1 Pet 5:4; Yak 1:12.Kuk’ umuntu wese azorushanywa yitegura muri vyose: abo bagenza bartyo, kugira ngo bahabge igitsibo gishira, ariko twebge tugenza durtyo kugira ngo duhabge ikitazoshira. 26Nuko nanje ndiruka, ariko si nk’ūtazi iy’ aja: nkubitana ibipfunsi, ariko si nk’ūhusha; 27#Rom 8:13; 13:14.kandi ndwanya umubiri wanje, nkawuhindura umuja, kugira ngo kumbure mmaze kwigisha abandi, nanje ubganje sinze mboneke ko ntemewe.

Currently Selected:

1 Ab’i Korinto 9: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in