YouVersion Logo
Search Icon

1 Ab’i Korinto 10

10
Ivyabaye ku Bisirayeli vyatubereye akarorero
1 # Kuv 13:21; 14:22. Bene Data, singomba ko mutamenya yuko ba sogokuruza bose bāri musi ya ca gicu, kandi yuko bose bāciye hagati ya ca kiyaga cigabanije, 2bose bakabatirizwa kuba aba Mose mur’ ico gicu no mur’ ico kiyaga, 3#Kuv 16:4, 35; Gus 8:3.bose bagasangira vya vyo kurya vy’impwemu, 4#Kuv 17:6.bose bagasangira vya vyo kunywa vy’ impwemu. Kuko bānywa ku gitandara c’impwemu cabakurikira, ico gitandara cāri Kristo. 5#Guh 14:16, 23, 30.Arikw abenshi muri bo, Imana ntiyabashimye, kuko bahonerejwe mu bugaragwa.
6 # Guh 11:4, 34. Arikw ivyo vyatubereye akarorero kugira ngo ntitwifuze ibibi, nk’uko ba bandi bāvyifuje. 7#Kuv 32:6.Kandi ntimugasenge ibishushanyo vy’ibigirwamana, nk’uko bamwe bo muri ba bandi bābisenga: nk’uko handitswe, ngw Abantu bicaritswe no kurya no kunywa, bava hasi baravyina. 8#Guh 25:1, 9.Kandi ntitugashakane, nk’uko bamwe bo muri ba bandi bāshakanye, maze hagapfamw’ abantu ibihumbi mirongwibiri na bitatu ku musi umwe. 9#Guh 21:5, 6.Kandi ntitukagerageze Umwami wacu, nk’uko bamwe bo muri ba bandi bāmugerageje, bakamarwa n’inzoka. 10#Guh 14:2, 36; Heb 3:11, 17.Kandi ntimukidodombe, nk’uko bamwe bo muri ba bandi bidodomvye, bakamarwa n’umuranduzi. 11#1 Pet 4:7.Arikw ivyo vyababayeko kugira ngo bitubere akarorero, kandi vyandikiwe kuduhanūra twebge, abashikwako n’amaherezo y’ibihe. 12Nuko rer’ uwiyumvira kw ahagaze ni yiyubare ntagwe. 13Nta cabagerageje kitar’ ic’ umuntu yoshobora kwihanganira: arikw Imana n’iyo kwizigirwa ntizobakundira ko mugeragezwa n’ibiruta ivyo mushobora, ariko hamwe n’ikibagerageza izobacira icanzo, kugira ngo mubone ingene mushobora kucihanganira.
Duhunge ivyo gusenga ibigirwamana
14 # 1 Yoh 5:21. Nuko, abo nkunda, ni muhunge gusenga ibigirwamana. 15Ndababgira nk’abanyabgenge; mwiyumvire ivyo mvuga, yukw ari ko biri. 16#Mat 26:27; Ivyak 2:42.Igikombe c’umuhezagiro, ico duhezagira, mbega si kwo gusangira amaraso ya Kristo? Umutsima tumanyagura, si kwo gusangira umubiri wa Kristo? 17#1 Kor 12:27; Rom 12:5.Nk’uk’ uwo mutsima ar’ umwe, twebge, naho turi benshi, tur’ umubiri umwe: kuko twese dusangira umutsima umwe. 18#Lew 7:6, 15.Murābe Abisirayeli ku rukoba: abarya ikimazi, mbega ntibasangira n’igicaniro? 19#1 Kor 8:4.Nukw ico mvuga n’igiki? Mbega mvuga yukw icaterekerejwe ikigirwamana ar’ ikintu, canke yukw ikigirwamana ar’ ikintu? 20#Lew 17:7; Gus 32:17; Zab 106:37; Ivyah 9:20.Ariko mvuga yukw ibimazi abanyamahanga batanga, babiha abadayimoni, babiterekereza abadayimoni, ntibabiha Imana: nanje singomba yuko musangira n’abadayimoni. 21#2 Kor 6:15, 16; Mal 1:7, 12.Ntimushobora kunywera ku gikombe c’Umwami wacu, no ku gikombe c’abadayimoni: ntimushobora gusangira ivyo ku meza y’Umwami wacu n’ivyo ku meza y’abadayimoni. 22#Gus 32:21.Cank’ Umwami tumutere ishari? Mbega tumurusha inkomezi?
23 # 1 Kor 6:12. Vyose turavyemererwa, arikw ibitugirira ikimazi si vyose. Vyose turavyemererwa, arikw ivyubaka si vyose. 24#Rom 15:2.Ntihagire umuntu ababara ivyiwe, arikw ababare ivya mugenzi we. 25#Rom 14:2-10, 22.Izo zigurwa mw ibāgiro, mube muzirya ata co mubajije kubg’ ijwi ryo mu mutima: 26#Zab 24:1.kukw isi ar’iy’ Uhoraho, n’ibiyuzuye. 27#Luk 10:8.Umuntu wo mu batizera ni yabahamagara, mukagomba kugenda, ico bazoshira imbere yanyu cose, mube mukirya, ata co mubajije, kubg’ ijwi ryo mu mutima. 28#1 Kor 8:7.Ariko ni hagira umuntu ababgira, at’ Ico n’icāterekerejwe: ntimukakirye, kubg’ uyo abiseruye, no kubg’ ijwi ryo mu mutima. 29Arik’ umutima mvuze s’uwawe, n’uwa wa wundi. N’iki gituma ukwidegemvya kwanje guhinyurwa n’umutima w’uwundi? 30#1 Tim 4:4.Ko ndya mbishimiye, n’iki gituma ntukirwa ivyo nshimiye?
31 # Kol 3:17. Nukw iyo murya, canke munywa, canke mukora ikindi kintu cose, mube mukorera vyose gushimisha Imana. 32#Rom 14:13.Ntimubere Abayuda igitsitaza, cank’ Abagiriki, cank’ ishengero ry’Imana: 33#1 Kor 9:20-22.nk’uko nanje nnezereza bose muri vyose, ntarondera ikigira ico kimmarira ubganje, ariko nkarondera ikigira ico kimarira abenshi, kugira ngo bakire.

Currently Selected:

1 Ab’i Korinto 10: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in