YouVersion Logo
Search Icon

1 Ab’i Korinto 8

8
Ivy’ ivyaterekerejwe ibishushanyo
1Ku vy’ ivyaterekerejwe ibishushanyo vy’ibigirwamana, turazi yuko twese turi n’ubgenge. Ubgenge burakakīsha, arik’ urukundo rurubaka.#Ivyak 15:29. 2Ni hagira umuntu yiyumvira yuko har’ ic’ azi, azoba ataramenya nk’ukw akwiye kumenya.#Gal 6:3. 3Arik’ ūkunda Imana ni we amenywa na yo.#Gal 4:9.
4Nuko, ku vyo kurya ivyaterekerejwe ibigirwamana, turazi yukw igishushanyo atar’ ikintu mw isi, kandi yukw ata mana yindi iriho, atar’ Imwe.#1 Kor 10:19; Gus 6:4. 5Naho har’ ivyitwa imana mw ijuru canke mw isi, nk’uko har’ imana nyinshi n’abami benshi,#Zab 82:6; Yoh 10:34. 6ariko kuri twebge har’ Imana imwe, Data wa twese, yandurukwamwo na vyose, natwe twabesherejweho kuba abayo: kandi har’ Umwami umwe, ni Yesu Kristo, abeshaho vyose, natwe akatubeshaho.#Mal 2:10; Kol 1:16; 1 Kor 12:5, 6.
Dukwiye kwengenga abafise imitima idakomeye
7Arik’ ubgo bgenge ntibufiswe na bose: kuko bamwe bāremariye mu bigirwamana gushitsa n’ubu, barya ikintu bibgira ko caterekerejwe ikigirwamana, kand’ umutima ugahumanywa no kudakomera.#1 Kor 10:27. 8Arikw ivyo kurya si vyo bidushikiriza Imana: iyo tutabiriye, nta co duhōmba; cank’ iyo tubiriye, nta co duhōmbōka.#Rom 14:17. 9Mwiyubare, kugira ng’ ubgo bushobozi bganyu bgoye kuba igitsitaza c’abadakomeye na gato.#Gal 5:13. 10Kuk’ umuntu iy’ akubonye, wewe wahawe gutahura, wicaye urīra mu rusengero rw’ikigirwamana, umutima w’uwo, iy’ adakomeye, mbega ntuzorinduka, akarya ivyaterekerejwe ibigirwamana? 11Nuk’ ūdakomeye aba aranduwe no gutahura kwawe, kand’ ari we mwene Data Kristo yapfiriye.#Rom 14:15. 12Nukw iyo mukoreye icaha bene Data murtyo, mugakomeretsa imitima yabo idakomeye, muba mukoreye icaha Kristo. 13Ni co gituma namb’ ivyo kurya bigwisha mwene Data, sinzopfa nongeye kurya inyama kugira ngo singwishe mwene Data.#Rom 14:21.

Currently Selected:

1 Ab’i Korinto 8: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in