YouVersion Logo
Search Icon

1 Ab’i Korinto 5

5
Ubusambanyi bg’ishano bgabaye mw ishengero ry’i Korinto
1Inkuru yāmamaye hose yuko muri mwebge harih’ ubusambanyi: kand’ ubgo busambanyi butoba no mu banyamahanga, umuntu gucīkiza muka se ngw amwābīre.#Lew 18:7, 8. 2Namwe mukīkakīsha, ntimubabare, nk’uko mwari mukwiye, kugira ng’uwakoze ico caha akūrwe muri mwebge. 3Kubganje naho ntariho ku mubiri, ariko ndiho mu mpwemu, nahejeje gutsindisha uwakoze ibimeze birtyo nk’aho ndiho,#Kol 2:5. 4mw izina ry’Umwami Yesu mwebge n’impwemu yanje dukoranye dufise ubushobozi bg’Umwami wacu Yesu,#Mat 16:19; 18:18; 2 Kor 13:10. 5guha Satani ūmeze artyo, kugira ng’umubiri wiwe uranduke, ubugingo bgiwe buze burokoke ku musi w’Umwami Yesu.#1 Tim 1:20; 1 Pet 4:6.
6Kwirata kwanyu si kwiza. Ntimuzi yuk’ umwambiro muke wambira irobe ryose?#Gal 5:9. 7Nuko ni mukūreh’ umwambiro wa kera, kugira ngo mube irobe risha, nk’uko mutarimw’ umwambiro. Kuk’ umwagazi w’intama wa Pasika wacu watanzwe kw ikimazi, ari we Kristo.#Kuv 12:21; 13:7; Yes 53:7; 1 Pet 1:19. 8Nuko tuziririze imisi mikuru, tudafise umwambiro wa kera, cank’ umwambiro w’urwanko n’ikibi, ariko tugire imitsima itambiwe y’imitima ikeye n’ukuri.#Kuv 12:3-20.
9Nabandikiye muri ca cete ko mutivanga n’abasambanyi.#Mat 18:17; 2 Tes 3:14. 10Ariko sinavuga abasambanyi bo mu b’iyi si, cank’ abifuza, cank’ abanyazi, cank’ abasenga ibigirwamana, kukw iyo biba birtyo mwari mukwiye kuva mw isi. 11Ariko burya nabandikiye ko mutivanga n’uwitwa mwene Data, namb’ ar’ umusambanyi, cank’ uwifuza, cank’ ūsenga ibigirwamana, cank’ ūtukana, cank’ ūborerwa, cank’ umunyazi: ūmeze artyo, no gusangira ntimugasangire na we.#2 Tes 3:6; Tit 3:10; 2 Yoh 1:10. 12Mpūriye hehe no gucira urubanza abo hanze? Mbega si mwebge mucira urubanza abo muri mwebge?#Mrk 4:11. 13Arikw abo hanze Imana ni yo izobacira urubanza. Ni mukūre umunyakibi muri mwebge.#Gus 13:5; 17:7; 22:24.

Currently Selected:

1 Ab’i Korinto 5: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in