1 Ab’i Korinto 4
4
Ukw ababgiriza bakwiye kuba abizigirwa
1 #
Tit 1:7. Umuntu n’atwiyumvire yuko tur’ abasuku ba Kristo, n’ababgiriza b’amabanga y’Imana. 2#Luk 12:42.Kand’ ababgiriza babagomba ko baboneka ar’ abizigirwa. 3Ariko kubganje ni nk’ubusa rwose gucirwa urubanza namwe, canke n’urukinja rw’abantu; kandi nanje nyene sinicira urubanza. 4#Zab 143:2.Kukw ata co niyiziko, ariko si co kintsindishiriza; arik’ ūncira urubanza n’Umwami wacu. 5#1 Kor 3:8.Ni co gituma mudakwiye guca urubanza rw’ikintu na kimwe igihe carwo kitarashika, ni co kuza kw’Umwami wacu, azomurika ivyari vyanyegejwe mu mwiza, kand’ azogaragaza inama zo mu mitima: ni ho umuntu wese azohabga n’Imana ishimwe rimukwiye.
6 #
Rom 12:3. Ariko, bene Data, ivyo mvyigereranijeko, jewe na Apolo, kubganyu, nk’igishushanyo: kugira ngw ivyo mvuze kuri twebge bibigishe kutarenga ivyanditswe; ntihagire umuntu yikakisha arwana ishaka ry’umwe akagaya uwundi. 7#Rom 12:6.Ni nde aguteye kwitandukanya n’abandi? Kand’ ic’ ufise utāhawe n’igiki? Ariko namba waragihawe, n’iki gituma wirata, nk’ūtāgihawe?
8 #
Ivyah 3:17, 21. Mumaze guhāga; mumaze gutunga; mwimye nk’abami, tutarimwo: ereg’ icompa mukaba mwārīmye, kugira ngo natwe twimane namwe. 9#Rom 8:36; Heb 10:33.Kuko niyumvira yuko twebge intumwa, Imana yatwerekanye nk’abari hasi inyuma ya bose, nk’abagerewe kwicwa, kuko twacitse akābarore mw isi, mu bamarayika no mu bantu. 10#1 Kor 3:18.Twebge tur’ ibipfu kubga Kristo; mweho mur’ abanyabgenge muri Kristo: tur’ abanyantege nke, mur’ abanyabushobozi: mur’ abanyacubahiro, tur’ inkēngērwa. 11#2 Kor 11:23-27.Gushitsa n’ubu twishwe n’inzara n’inyota, twambaye ubusa, dukubitwa ibipfunsi, tubura uburagamo, 12#Ivyak 18:3; 20:34; 1 Tes 2:9; 2 Tes 3:8; Rom 12:14; 1 Kor 9:15; Zab 109:28.dukoresha amaboko yacu tugatama: iyo badutuka turabahezagira, iyo baduhama turihangana, 13iyo batwambika ibara turabahōyahōya. Twahindutse umwavu w’isi, n’udukokorwa kuri bose gushitsa n’ubu.
Paulo abahanūra nk’umuvyeyi
14Ivyo simvyandikiye kubatetereza, ariko ni nko kubahanūra, nk’abana banje nkunda. 15#Gal 4:19.Kuko naho mufise muri Kristo ababarera ibihumbi cumi, ntimufise ba so benshi, kukw ari jewe nabavyaje ubutumwa bgiza muri Kristo Yesu. 16#1 Kor 11:1.Nuko ndabinginga, munyigāne. 17#Ivyak 19:22; Flp 2:20.Ni co gituma mbatumyeko Timoteyo, umwana wanje nkunda, ayobokera Umwami wacu; azobībutsa inzira zanje zo muri Kristo, nk’uko nigisha hose mu mashengero yose. 18Ariko bamwe bīkakīsha, biyumvira yuko ntazoza i wanyu. 19#Ivyak 18:21; Yak 4:15.Ariko nzoza vuba, Umwami wacu ni yabigomba; kandi s’amajambo y’abīkakīsha nzomenya, ariko n’ubushobozi bgabo. 20#1 Kor 2:4; Luk 17:20.Kuk’ ubgami bg’Imana atar’ ubg’ amajambo, ariko n’ubg’ ubushobozi. 21Mugomba iki? Ko nza i wanyu nzanye inkoni, canke ko nzana urukundo n’umutima w’ubugwaneza?
Currently Selected:
1 Ab’i Korinto 4: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967