YouVersion Logo
Search Icon

1 Ab’i Korinto 6

6
Ivy’ ukubūrana kw’Abakristo
1Mbega har’ uwo muri mwebge yogira ic’ apfa na mugenzi we, akūbahuka kubūranira ku bagabitanya, ntābūranire ku bera? 2#Ivyah 3:21; Dan 7:22.Ntimuzi yukw abera ari bo bazocira ab’ isi urubanza? Kandi kw ari mwebge muzocira ab’ isi urubanza, none ntimubereye guca imanza nto‐nto? 3Ntimuzi yuko tuzocira abamarayika urubanza? None ntiturushiriza kuba abo guca imanza z’ivy’ ubu bugingo? 4Nuko, iyo mufise imanza zo gucibga z’ivy’ ubu bugingo, mbega mushirah’ abatagira ico bamariye ishengero ngw abe ari bo bazica? 5Mbivugiye kubatētereza. Mbega vyoshoboka yuko muri mwebge hatagira umunyabgenge n’umwe yoshobora gucira urubanza bene Se? 6Ariko mwene Data akabūrana na mwene Data wundi, kandi bakabūranira no ku batizera! 7#Mat 5:39; 1 Tes 5:15; 1 Pet 3:9.Mbere n’ubu har’ ico muhomvye rwose, kuko musubiranamwo mukabūrana. Ntimwopfuma mugirirwa nabi? Ntimwopfuma mwemera kugungwa? 8Ariko ni mwebge mugiriranira nabi, mugungana, kand’ abo mugirira murtyo ni bene So.
9Ntimuzi yukw abagabitanya batazoragwa ubgami bg’Imana? Ntimuzimire: abashakanyi, cank’ abasenga ibigirwamana, cank’ abasambanyi, cank’ abagabo bendwa, cank’ abagabo bendana, 10#Gal 5:19-21.cank’ ibisuma, cank’ abifuza, cank’ imborerwa, cank’ abatukana, cank’ abanyazi, ntibazoragwa ubgami bg’Imana. 11#Tit 3:3-7.Kandi bamwe muri mwebge ni ko mwari muri: ariko mwaruhagiwe, ariko mwarejejwe, ariko mwatsindanishirijwe mw izina ry’Umwami Yesu Kristo no muri Mpwemu w’Imana yacu.
Imibiri yacu n’ingingo za Kristo
12 # 1 Kor 10:23. Vyose ndavyemererwa, ariko si vyose bingirira ikimazi. Vyose ndavyemererwa, ariko sinzoganzwa n’ikintu na kimwe. 13#1 Tes 4:3-5.Ivyo kurya n’ivy’ inda, n’inda n’iy’ ivyo kurya; yamar’ Imana izobikūraho vyompi. Ariko, imibiri yacu s’iyo gushakana, mugabo n’iy’ Umwami wacu, kand’ Umwami n’uw’ imibiri yacu. 14#1 Kor 15:15, 20; 2 Kor 4:14; Rom 8:11.Kand’ Imana yazuye Umwami, natwe nyene izotuzurisha ubushobozi bgayo. 15#1 Kor 12:27.Ntimuzi yukw imibiri yanyu ar’ ingingo za Kristo? None ntore ingingo za Kristo, ndazihindure ingingo z’umusambanyikazi? Biragahera. 16#Ita 2:24.Ntimuzi yuk’ uwimatanya n’umusambanyikazi aba ar’ umubiri umwe na we? Kuko yavuze, iti Bompi bazoba umubiri umwe. 17#Yoh 17:21, 22; Ef 5:30; 2 Kor 3:17.Arik’ uwimatanije n’Umwami wacu aba abaye impwemu imwe na we. 18Muhunge ubushakanyi. Icaha cose umuntu akora s’ic’ umubiri, arik’ ūshakana aba acumuye ku mubiri wiwe. 19#1 Kor 3:16.Ntimuzi yukw imibiri yanyu ar’ insengero za Mpwemu Yera ari muri mwebge, uwo mufise, avuye ku Mana? Kandi si mwe mwiganza, 20#1 Pet 1:18, 19; 1 Kor 7:23; Flp 1:20.kuko mwaguzwe igiciro. Nuko rero, mushimishe Imana mu mibiri yanyu.

Currently Selected:

1 Ab’i Korinto 6: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in