YouVersion Logo
Search Icon

1 Ab’i Korinto 3

3
Paulo agaya ab’i Korinto ko biciyemw’ amacakubiri
1 # Yoh 16:12. Kubganje, bene Data, sinashoboye kubabgira nk’ab’ impwemu, ariko nababgiye nk’abaganzwa n’akameremere k’imibiri yabo, nk’abana b’inzoya bo muri Kristo. 2#1 Pet 2:2; Heb 5:12, 13.Nabaramije amata, sinabagaburiye ivyo kurya bigumye: kuko mutaribgabishobore. Kandi na none ntimurabishobora, 3#1 Kor 1:10-12; 11:18.kuko mukiganzwa n’ivy’ akameremere kanyu. Ko muri mwebge har’ ishari n’ugutongana, ntimuganzwa na vyo? Ntimugenda nk’abantu? 4Umuntu umwe kw avuga, ati Jeho nd’uwa Paulo, uwundi ati Jeho nd’uwa Apolo, ntimur’ abantu se?
5 # Ivyak 18:24, 27. None Apolo n’iki? Kandi Paulo n’iki? Mbega s’abakozi batumye mwizera Imana, nk’ukw Imana yahaye umuntu wese? 6#Ivyak 18:4, 11.Ni jewe nateye imbuto, Apolo arazivomera, arikw Imana ni yo yazikujije. 7Nuk’ ūzitera nta co amaze, cank’ ūzivomera, atar’ Imana ikuza. 8Ūzitera n’ūzivomera ni bamwe: arik’ umuntu wese azogererwa nk’uko yakoze igikorwa ciwe. 9#Mat 13:3-9; Ef 2:20.Kukw Imana ari yo dukorana, namwe mur’ indimiro y’Imana, mur’ inzu yubakwa n’Imana.
Uko dukwiye kwubaka kw itanguriro
10 # 1 Kor 15:10; 2 Pet 3:15. Nk’uko nahawe ubuntu n’Imana, nashizeh’ itanguriro, nk’umwubakisha mukuru w’ubgenge, uwundi yubakako. Arik’ umuntu wese ni yiyubare uko yubakako. 11#1 Pet 2:4-6.Kukw irindi tanguriro ata muntu ashobora kurishiraho, atar’ iryashizweho, ni ryo Yesu Kristo. 12Arikw iryo tanguriro, umuntu ni yaryubakishakw izahabu, cank’ ifeza, cank’ amabuye y’igiciro kinini, cank’ ibiti, cank’ ubgatsi, cank’ ibishakashaka, 13#1 Kor 4:5; 2 Tes 1:8.igikorwa c’umuntu wese kizoseruka. Wa musi uzogiserura, kuk’ uzohishuranwa n’umuriro, kand’ igikorwa c’umuntu wese uwo muriro uzokigeza ico kirimwo. 14Igikorwa c’umuntu, ico yubatse kur’ iryo tanguriro, ni carama, azohabga ingero; 15igikorwa c’umuntu ni casha, azobura ingero, yamara ubgiwe azokira, ariko nk’uwokowe mu muriro.
16 # 1 Kor 6:19; 2 Kor 6:16. Mbega ntimuzi yuko mur’ urusengero rw’Imana, kandi ko Mpwemu w’Imana aba muri mwebge? 17Umuntu ni yonona urusengero rw’Imana, Imana izomurandura; kuk’ urusengero rw’Imana ar’ urwera, kand’ urwo rusengero ni mwebge.
18 # Ivyah 3:17, 18. Ntihakagire umuntu yihenda; umuntu wo muri mwebge ni yiyumvira kw ar’ umunyabgenge ku vy’iki gihe, abe igipfu, kugira ngw abone kuba umunyabgenge. 19#Yob 5:12, 13.Kuk’ ubgenge bg’iyi si ar’ ubupfu ku Mana. Kuko handitswe, ngw Itegesha abanyabgenge ubugunge bgabo. 20#Zab 94:11.Kandi ng’Uhoraho arazi ivyiyumviro vy’abanyabgenge, kandi ko bitagira ikimazi. 21Nuko ntihakagire umuntu yirata abantu. Kuko vyose ar’ ivyanyu: 22ari Paulo, canke Apolo, canke Kefa, cank’ isi, cank’ ubugingo, cank’ urupfu, cank’ ibiriho, cank’ ibizoba, vyose n’ivyanyu, 23namwe mur’ aba Kristo, Kristo n’uw’ Imana.

Currently Selected:

1 Ab’i Korinto 3: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in