YouVersion Logo
Search Icon

1 Ab’i Korinto 2

2
Ukw Imana yaseruye amabanga yayo
1 # 1 Kor 1:17. Nanje, bene Data, hamwe nabasanga i wanyu, sinaje nd’agakūra mu majambo canke mu bgenge, mu kubamenyesha ibanga ry’Imana. 2#Gal 6:14.Kuko nagabiye kutagira ico mmenya muri mwebge, atari Yesu Kristo, we yabambge. 3#Ivyak 18:9; 2 Kor 10:1.Ariko nabana namwe mfise intege nke, ndi n’ubgoba, mpinda agashitsi kenshi, 4imvugo yanje n’ukwigisha kwanje ntivyarimw’ amajambo y’ubgenge yo kwemeza abantu, ariko vyaserukamwo Mpwemu n’ubushobozi, 5#Ef 1:17; 1 Tes 1:5.kugira ng’ukwizera kwanyu ntiguhagarare mu bgenge bg’abantu ariko guhagarare mu bushobozi bg’Imana.
6 # Flp 3:15. Yamara, tuvugana ubgenge hagati mu bātunganijwe rwose, arik’ ubgo bgenge s’ubg’ iki gihe, cank’ ubg’ abaganza b’iki gihe bagenda bayōka. 7#Rom 16:25.Ariko tuvugishwa n’ubgenge bg’Imana bgari bgaragizwe ibanga, bgari bgaranyegejwe, ubgo Imana yagabiye kera, ibihe vyose bitarabaho ko buzoba icubahiro cacu. 8#Luk 23:34; Yak 2:1; Kol 1:26.Kandi mu baganza b’iki gihe nta wabumenye: iyo baba bārabumenye ntibaba bārabamvye Umwami w’icubahiro. 9Ariko nk’uko handitswe,
ngw Ivy’ ijisho ritigeze kubona, n’ivy’ ugutwi kutigeze kwumva,
Ibitigeze kwinjira mu mutima w’umuntu,
Vyose Imana yavyiteguriye abayikunda.#Yes 64:4.
10 # Mat 13:11; Imig 20:27. Arikw Imana yabiduhishuriye muri Mpwemu wayo: Mpwemu asesa vyose, n’ibihishijwe#2:10 ibihishijwe: mu Kigiriki n’ivy’ i bgina vy’Imana. Rāba Ivyah 2:24. vy’Imana. 11Ni nde mu bantu azi ibiri mu muntu, atar’ impwemu yiwe, iri muri we? Ni ko n’ivy’ Imana biri, nta wubizi, atari Mpwemu w’Imana. 12#Yoh 16:13, 14.Ariko tweho ntitwāhawe impwemu y’iyi si, ariko twāhawe Mpwemu ava ku Mana, kugira ngo tumenye ivy’ Imana yatugabiye. 13#1 Kor 2:1, 4.Na vyo nyene turabivuga, ariko ntitubivuga mu majambo yigishwa n’ubgenge bg’abantu, ariko tubivuga mu yigishwa na Mpwemu, tugereranya ivy’ impwemu n’ivy’ impwemu bindi.
14 # Yoh 8:47; 14:17. Arik’ umuntu afise umubiri n’ubgenge gusa ntiyemera ivya Mpwemu w’Imana: kukw ar’ ubupfu kuri we, kandi ntashobora kubimenya, kuko vyitegerezwa mu buryo bg’impwemu. 15#1 Yoh 2:20.Arik’ umuntu w’impwemu asesa vyose, kand’ ubgiwe nta wumusesa. 16#Rom 11:34; Yes 40:13.Ni nde yigeze kumenya ivyiyumviro vy’Uhoraho ngo yigishe Uhoraho? Ariko twebge dufise ivyiyumviro vya Kristo.

Currently Selected:

1 Ab’i Korinto 2: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in