1 Ab’i Korinto 15
15
Ivy’ ukuzuka kwa Kristo
1Bene Data, ndabamenyesha ubutumwa bgiza, ubgo nababariye, namwe mukabgākīra, kandi mukabuhagararamwo, 2kandi mugakizwa na bgo, asangwa mukibufashe nk’uko nabubabgiye, shiti mwoba mwizereye ubusa.
3 #
Yes 53:8, 9. Kuko nabanje kubashikiriza ico nanje nahawe, yuko Kristo yapfiriye ivyaha vyacu, nk’ukw ivyanditswe bivuga, 4#2 Abam 20:5; Yes 54:7; Hos 6:2; Yon 1:17; Zab 16:10.agahambga, akazuka ku musi ugira gatatu, nk’ukw ivyanditswe bivuga; 5#Luk 24:34; Mrk 16:14.akiyereka Kefa, maz’ akiyereka bamwe cumi na babiri, 6akongera akiyerekera hamwe bene Data basāga amajana atanu, mur’ abo abenshi baracariho n’ubu, ariko bamwe bārasinziriye: 7#Luk 24:50.maze yiyereka Yakobo, hanyuma yiyereka intumwa zose. 8#1 Kor 9:1.Maze hanyuma ya bose nanje aranyiyereka ndi nk’umwana w’icenda. 9#Ef 3:8; Mat 5:19; 1 Tim 1:15.Mbere jewe nd’ inyuma y’izindi ntumwa zose, sinkwiye no kwitwa intumwa, kuko nahama ishengero ry’Imana. 10#2 Kor 11:5, 23; 6:1.Arik’ ubuntu bg’Imana ni bgo bgatumye mba uko ndi, kand’ ubuntu bgayo nagiriwe ntibgabaye ubg’ ubusa, ariko natamye kurusha bose; ariko si jewe yamara n’ubuntu bg’Imana bgari kumwe nanje. 11Nukw ari jewe ar’ abo, ivyo ni vyo tubabarira, namwe ni vyo mwizeye.
Ivy’ ukuzuka kw’abapfuye
12Ariko, ko Kristo avugwa ko yazutse mu bapfuye, bamwe muri mwebge bavuga bate yukw ata wuzuka? 13Asangw’ ata wuzuka, na Kristo ntarakazuka: 14kand’ asangwa Kristo atāzutse, ivyo twigisha n’ivy’ ubusa, n’ukwizera kwanyu n’ukw’ ubusa. 15#Ivyak 1:22; 5:32.Natwe twoba tubonetse ko tur’ abashingira Imana intahe y’ikinyoma, kuko twayishingiye intahe yuko yazuye Kristo, uwo itāzuye, namb’ abapfuye batazuka. 16#1 Kor 6:14.Asangw’ abapfuye batazuka na Kristo ntarakazuka: 17arikw asangwa Kristo atāzutse, ukwizera kwanyu n’ukw’ ubusa, muracari mu vyaha vyanyu. 18Kand’ asangwa bimeze birtyo, n’abāsinziririye muri Kristo barayogeye. 19Asangwa mur’ ubu bugingo bgonyene ari ho twizigirira Kristo, turusha abandi bantu bose kuba abagowe.
20 #
Kol 1:18; 1 Kor 11:30. Ariko noneho Kristo yarazutse mu bapfuye, ni we yashurije abāsinziriye. 21#Ita 3:17-19; Rom 5:12, 18.Kuko nk’uk’ urupfu rwazanywe n’umuntu, n’ukuzuka kw’abapfuye kwazanywe n’umuntu. 22Nk’uko Adamu yandukije bose gupfa, ni ko muri Kristo bose bazohindurwa bazima. 23#1 Tes 4:16; Ivyah 20:5.Arik’ umuntu wese mu mwanya wiwe: Kristo ni we mushuzo, maz’ aba Kristo bazobonerwa bazuke, ah’ azozira; 24#Dan 2:44.iherezo rizoca rishika, ah’ azoshikiriza Imana ubgami, ni yo Data wa twese, ni yamara gukūrah’ ubukuru bgose, n’ububasha bgose, n’ubushobozi bgose. 25#Zab 110:1; Mat 22:44.Kuko guhangama azokwama ahangamye gushitsa ah’ azoshirira abansi biwe bose musi y’ibirenge vyiwe. 26#Ivyah 20:14; 21:4.Urupfu ni we mumenja w’imperēra azorandurwa. 27#Zab 8:6.Kuko handitswe, ngo Yamuhaye kuganza vyose, ibishira musi y’ibirenge vyiwe. Ariko kw ivuga, it’ Ahawe kuganza vyose; biraboneka yukw Iyamuhaye kuganza vyose itabiharūrwamwo. 28Ariko ni yamara gushikirizwa inganji ya vyose, ni ho n’Umwana ubgiwe azoganzwa n’Iyamuhaye inganji ya vyose, ngw Imana ibe vyose muri vyose.
29Cank’ ababatizwa mu gishingo c’abapfuye bazobamarira iki? Asangw’ abapfuye batazurwa na mba, n’iki gituma bababatirizwa? 30#Rom 8:36.Natwe n’iki gituma twama turi mw irinde? 31#2 Kor 4:10, 11.Uko bukeye ndapfa, indahiro ndahiye ni mwebge vyirato vyanje, ivyo mfise muri Kristo Yesu Umwami wacu. 32#Yes 22:13.Asangwa narwaniye n’ibikōko muri Efeso, ndi mu buryo bg’abantu gusa, bimmarira iki? Namb’ abapfuye batazurwa, ni twīrīre, twinywere, kukw ejo tuzopfa. 33Ntimuzimire: kubana n’ababi kwonona ingeso nziza. 34#Rom 13:11; Ef 5:14; 1 Kor 6:5; Ivyak 26:8.Mushire ibirāre, mugororoke, ntimukore ivyaha: kuko bamwe batazi Imana. Mbivugiye kubatētereza.
35Arik’ umuntu yobaza, at’ Abapfuye bazurwa bate, kandi baza bafise umubiri ki? 36#Yoh 12:24.Wa gipfu we, ic’ ubiba ntikimera kitabanje gupfa. 37Kand’ ic’ ubiba, ntubiba umutumba uzohaba, arik’ ubiba akabuto uko kari, ari nk’ak’ ingano, cank’ akandi kose. 38#Ita 1:11.Arikw Imana igaha umutumba, nk’uko yagomvye, kand’ akabuto kose igaha umutumba wako ukwako. 39Inyama zose si zimwe; iz’ abantu zir’ ukwazo, n’iz ibikōko zir’ ukwazo, n’iz’ inyoni n’ibisīga zir’ ukwazo, n’iz’ ifi zir’ ukwazo. 40Kandi har’ imitumba yo kw ijuru n’imitumba yo kw isi: arik’ ubgiza bg’iyo kw ijuru bur’ ukwabgo; n’ubg’ iyo kw isi bur’ ukwabgo. 41Ubgiza bg’izuba bur’ ukwabgo, n’ubgiza bg’ukwezi bur’ ukwabgo, n’ubgiza bg’inyenyeri bur’ ukwabgo: kand’ inyenyeri ntinganya ubgiza na mugenzi wayo.
42N’ukuzuka kw’abapfuye ni nk’uko: habibga ikibora, hazurwa ikitabora; 43#Flp 3:20, 21.habibga igikēngērwa, hazurwa ic’ icubahiro; habibga ikinyantege nke hazurwa ic’ inkomezi; 44habibga umubiri w’inyama, hazurwa umubiri w’impwemu. Asangwa harih’ umubiri w’inyama hariho kandi n’uw’ impwemu. 45#Ita 2:7; Yoh 6:63; 2 Kor 3:6, 17.Kand’ uko ni ko handitswe, ng’ Umuntu wa mbere Adamu yabaye ūfise ubugingo; Adamu wo hanyuma yabaye impwemu itanga ubugingo. 46Arikw ic’ impwemu si co kibanza, yamar’ ic’ inyama ni co kibanza, kigaherukirwa n’ic’ impwemu. 47#Ita 2:7.Umuntu wa mbere yandurutse mw ivu, n’uw’ umukungugu: umuntu wa kabiri yandurutse mw ijuru. 48Nk’uk’ uw’ umukungugu ari, ni ko n’ab’ umukungugu bandi bari: kandi nk’uk’ uw’ ijuru ari, ni ko n’ab’ ijuru bandi bari. 49#Ita 5:3.Kandi nk’uko twambaye ishusho y’uw’ umukungugu, ni ko tuzokwambara n’ishusho y’uw’ ijuru. 50#1 Kor 6:13.Ariko bene Data, ico mvuga n’iki, yukw ab’inyama n’amaraso badashobora kuragwa ubgami bg’Imana, kand’ ibibora bitaragwa ibitabora.
51 #
1 Tes 4:15, 17. Ehe, ndababarira akabanga: ntituzosinzira twese, ariko twese tuzohindurwa, 52#Mat 24:31; 1 Tes 4:16.mu kanya gato, mu kanya nk’ako gukubita ingohe, ah’ inzamba y’iherezo izovugira. Kukw inzamba izovuga, abapfuye bakazurwa batagishobora kubora, natwe tuzohindurwa. 53#2 Kor 5:4.Kuk’ uyu mubiri ubora ukwiye kuzokwambara ukutabora, kand’ uyu mubiri upfa ukwiye kuzokwambara ukudapfa. 54#Yes 25:8.Ariko, uyu ubora ni wamara kwambara ukutabora, n’uyu upfa ni wamara kwambara ukudapfa, ni ho hazoshika rya jambo ryanditswe, ng’Urupfu rumizwe n’intsinzi. 55#Hos 13:14.Wa rupfu we, intsinzi yawe iri hehe? Wa rupfu we, uruboyi rwawe ruri hehe? 56#Rom 7:13; 6:14.Ivyaha ni vyo ruboyi rw’urupfu, kand’ ubushobozi bg’ivyaha n’ivyagezwe. 57Arikw Imana ishimwe, iduha gutsinda kubg’ Umwami wacu Yesu Kristo.
58 #
2 Ngo 15:7; Ivyah 14:13. Nuko bene Data nkunda, mukomere ntimunyiganyige, murushirize imisi yose gukora ibikorwa vy’Umwami wacu, kuko muzi yuk’ ubutame bganyu atar’ ubg’ ubusa mu Mwami.
Currently Selected:
1 Ab’i Korinto 15: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967