YouVersion Logo
Search Icon

1 Ab’i Korinto 14

14
Ivy’ ukuvugishwa n’Imana no kuvuga indimi zitamenyekana
1 # 1 Kor 12:10, 31. Mwirukire urukundo: yamara mwifuze cane ingabire za Mpwemu, cane‐cane kuvugishwa n’Imana. 2Ūvuga ururimi rutamenyekana s’abantu abarira, arikw abarira Imana, kukw ata wuvyumva, ariko mu mpwemu avuga amabanga. 3Arik’ ūvugishwa n’Imana, abarira abantu ivyo kubakomeza n’ivyo kubahanūra n’ivyo kubirura. 4Ūvuga ururimi rutamenyekana ariyubaka, arik’ ūvugishwa n’Imana yubaka ishengero. 5#Guh 11:29.Nagomba ko mwese muvuga indimi zitamenyekana, arikw ikirushiriza, ko muvugishwa n’Imana. Ūvugishwa na yo aruta ūvuga indimi zitamenyekana, shiti yobisobanura, kugira ngw ishengero ryubakwe.
6Ariko none, bene Data, ni naza i wanyu mvuga indimi zitamenyekana, nzobamarira iki, ni ntababarira ivyo mpishuriwe, cank’ ivyo mpawe kumenya, canke kuvugishwa n’Imana, canke kwigisha? 7Kandi n’ibidafise ubugingo biri n’amajwi: umwironge iy’ udatandukanije ijwi, cank’ inanga, bomenya bate irivuzwa cank’ iricurarangwa? 8Kandi n’inzamba yovuga ijwi ritamenyekana, ni nde yokwitegura gutabara? 9Namwe n’uko, ururimi rwanyu ni rutavuga ibimenyekana, bazomenya bate ivyo muvuga? Kuko muzoba muvuga ibitwarwa n’umuyaga. 10Amajwi yo mw isi, nah’ ari menshi ate, nta ridafise uko risobanurwa: 11nukw iyo ntamenye ukw ijwi risobanurwa, uno avuga mba ndamubereye ūdebagura, kandi nanje, uno avuga aba ambereye ūdebagura. 12Namwe n’uko, kuko mwifuza ivya Mpwemu, kuremesha ishengero kube ari kwo gutuma mugomba kurushiriza.
13Nuk’ ūvuga ururimi rutamenyekana asenge, kugira ngw ahabge kubisobanura. 14Iyo nsenga mu rurimi rutamenyekana, impwemu yanje irasenga, arik’ ubgenge bganje buragumbaha. 15#Ef 5:19.Nuko ngire nte? Nzosengesha impwemu yanje, ariko kandi nzosengesha n’ubgenge: nzoririmbisha impwemu yanje, ariko kandi nzoririmbisha n’ubgenge. 16Iy’ ushimye Imana, ushimishije impwemu yawe yonyene, mbeg’ ūri ku ruhande rw’abatungu yoshobora ate kuvuga, ati Amen, ni waheza gushima, kand’ atamenye ic’ uvuze? 17N’ukuri kubgawe ushima neza, ariko wa wundi ntakomezwa. 18Nshimira Imana yuko mbarusha mwese kuvuga indimi zitamenyekana: 19ariko mw ishengero nopfuma mvugisha ubgenge bganje amajambo atanu, kugira ngo nigishe n’abandi, hako mvuga amajambo ibihumbi cumi mu rurimi rutamenyekana.
20 # Ef 4:14; Flp 3:12, 15. Bene Data, ntimube abana mu bgenge, ariko mube ibitazi mu bibi; ariko mu bgenge mube abagabo. 21#Gus 28:49; Yes 28:11, 12.Mu vyagezwe handitswe, ngo Nzovuganira n’ubu bgoko mu kanwa k’abavuga izindi ndimi no mu kanwa k’abanyamahanga, ariko naho nzovuga ntyo, ntibazonyumvira, ni k’Uhoraho agize. 22Ni co gituma indimi zitamenyekana zitabera abizera ikimenyetso, ariko zikibera abatizera: ariko kuvugishwa n’Imana kwo, ntikubera abatizera ikimenyetso ariko kukibera abizera. 23#Ivyak 2:13.Nukw ishengero ryose, iyo rikoraniye hamwe, bose bakavuga indimi zitamenyekana, hakinjiramw’ abatungu cank’ abatizera, ntibovuga yuko mwasaze? 24#Ivyak 4:13.Ariko bose iyo bavugishwa n’Imana, hakinjiramw’ ūtizera cank’ umutungu, yomenyeshwa ivyaha vyiwe na bose, agahinyuzwa na bose, 25#Yoh 4:19; 16:8; Yes 45:14; Dan 2:47; Zek 8:23.ibihishijwe mu mutima wiwe bigaseruka; nukw akubika inda, agasenga Imana, akātura yukw Imana iri muri mwebge vy’ukuri.
Vyose bikwiye gutungana neza mu makoraniro
26 # 1 Kor 11:18; 12:8; Ef 4:12. Ni bite ga bene Data? Iyo mukoranye, umuntu wese aba afise indirimbo, cank’ amajambo yo kwigisha, cank’ amajambo ahishuriwe, cank’ ururimi rutamenyekana, cank’ amajambo yo kurusobanura. Vyose bikorwe kugira ngw abantu bakomezwe. 27Ni haba harih’ abavuga ururimi rutamenyekana, havuge babiri canke batatu, badasāga, kandi bavuge bakurikirana, hagire ūbisobanura. 28Ariko ni haba hatarih’ ūbisobanura, ūvuga urutamenyekana acereze mw ishengero, yibgire, kand’ abgire Imana. 29#1 Tes 5:21; Ivyak 17:11.Kandi n’abavugishwa n’Imana bavuge ari babiri canke batatu, abandi babigenzure. 30Arik’ uwundi yicaye ni yagira ic’ ahishūrirwa, uwabanje ahore. 31Kuko mwese mushobora kuvugishwa n’Imana umwe‐umwe, ngo bose bige, bose bahanūrwe. 32Impwemu z’abavugishwa n’Imana ziganzwa na bo: 33kukw Imana atar’ iy’ umuvurungano, ariko n’iy’ amahoro.
Nk’uko bimeze mu mashengero yose y’abera, 34#1 Kor 11:3; Tit 2:5; 1 Tim 2:12; Ef 5:22; Ita 3:16.abagore bacereze mw ishengero, kuko batemererwa kuvuga. Ariko baganzwe, nk’ukw ivyagezwe na vyo bivuga. 35Kandi ni hagira ico bagomba kwiga, babarize abagabo babo i muhira, kuko biteye isoni k’umugore avuga mw ishengero. 36Mbega kuri mwebge ni ho ijambo ry’Imana ryandurutse? Canke ryashitse kuri mwebge mwenyene?
37 # 1 Yoh 4:6. Ni hagira umuntu yiyumvira kw ar’ ūvugishwa n’Imana, canke kw ar’ uw’ impwemu, amenye ivyo mbandikiye yukw ar’ icagezwe c’Umwami wacu. 38Ariko, namba har’ umuntu atabimenye, ntakabimenye.
39Nuko, bene Data, mwifuze cane kuvugishwa n’Imana, kandi ntimubuze kuvuga indimi zitamenyekana. 40#Kol 2:5.Ariko vyose bitungane neza, birorane.

Currently Selected:

1 Ab’i Korinto 14: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in