YouVersion Logo
Search Icon

1 Ab’i Korinto 16

16
Ivy’ ugukoranya amashikanwa yo gutabara aboro b’i Yerusalemu
1 # Ivyak 11:29; Gal 2:10; 2 Kor 8:9. Nuko ku vyo gukoranya ibitabara abera, nk’uko nageze amashengero y’i Galatiya, abe ari ko namwe mukora. 2#Ivyak 20:7.Ku wa mbere wose w’imisi ndwi, umuntu wese muri mwebge abīke i we ibimuhaye uburyo, nk’ukw atunze, kugira ngw aho nzozira ntihabe ari ho amashikanwa azokoranirizwa. 3Kand’ aho nzoshikira, abo muzoshima, nzobatuma mbahaye ivyete, kugira ngo bajane ivy’ ubuntu bganyu i Yerusalemu. 4Kandi namba nzoba nkwiye kugenda nanje, tuzojana.
Paulo avuga kw agabiye kuzoja i Korinto
5 # Ivyak 19:21. Ariko nzoza i wanyu, ni namara guca i Makedoniya; kuko nzorinda gucayo. 6#Rom 15:24; Tit 3:12.Ariko kumbure nzomarana namwe imisi, canke nzomara n’urushana, kugira ngo mumperekeze, munsezere neza aho nzoja hose. 7#Ivyak 20:2; 18:21.Singomba ko tubonana none mbakubise rurabge, ariko nizigira kuzomarana namwe imisi, Umwami wacu ni yankundira. 8#Ivyak 19:1, 10.Ariko nzotebera muri Efeso gushitsa kuri Pentekote: 9#2 Kor 2:12; Kol 4:3; Ivyah 3:8.kuko nugururiwe urugi runini ruja mu bikorwa bikomeye, kand’ abarwanizi bakaba benshi.
10 # 1 Kor 4:17; Flp 2:20. Timoteyo ni yaramuka aje i wanyu, muze mumubabare kugira ngw abane namwe ata bgoba; kukw akora igikorwa c’Umwami wacu nkanje. 11#1 Tim 4:12.Nuko ntihaze hagire ūmukēngēra, ariko muze mumuherekeze mumusezere amahoro, az’ ansange ino, kuko niteze kw azozanana na bene Data.
12 # 1 Kor 1:12; 3:6. Arikw ivya Apolo mwene Data, naramwinginze cane ngw aze i wanyu, az’ azanane na bene Data abo; ntiyakunda na gatoya kuza none, arikw azoza, ni yabona uburyo.
13 # Zab 31:24; Ef 6:10. Mwame mugavye, mushikame mu kwizera, mube abagabo, mugire inkomezi. 14Ivyo mukora vyose mubikorane urukundo.
15 # 1 Kor 1:16; Rom 16:5. Nuko ndabinginze, bene Data, murazi abo kwa Stefana, kw ari bo bāshuje mu Banyakaya, kandi kw ari bo bītangiye gukorera abera. 16#Flp 2:29.Nuko namwe mugāmburukire abameze bartyo, n’uwundi wese afatanije n’abandi mur’ ico gikorwa, agatama. 17Birannezereye ko Stefana na Forutunato na Akayiko baje; bāmmaze inkumbu nari mbafitiye, 18#1 Tes 5:12.kuko bāhēmbūye umutima wanje, bo n’uwanyu: mwame mwibuka abameze bartyo.
Intasho
19 # Ivyak 18:2, 18, 26; Rom 16:3, 5. Abo mu mashengero yo muri Asiya barabaganūtsa. Akwila na Purisikila barabaganutsa cane mu Mwami wacu, bo n’ishengero ryo mu nzu yabo. 20#Rom 16:16; 2 Kor 13:12; 1 Pet 5:14.Bene Data bose barabaganūtsa. Muramukanishe kugumbirana kwera.
21 # Kol 4:18; 2 Tes 3:17. Uku ni kwo gutasha kwanje Paulo, kwanditswe n’ukwanje kuboko. 22#Gal 1:8, 9.Ni hagira umuntu adakunda Umwami wacu, arakavumwa. Maran ata.#16:22 Maran ata n’ijambo ry’Igiheburayo, risobanurwa ng’ Umwami wacu araje. 23Ubuntu bg’Umwami wacu Yesu Kristo bubane namwe. 24Urukundo rwanje rubane namwe mwese muri Kristo Yesu. Amen.

Currently Selected:

1 Ab’i Korinto 16: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in