YouVersion Logo
Search Icon

1 Ab’i Korinto 13

13
Ingabire iruta izindi
1Naho novuga indimi z’abantu n’iz’ abamarayika, ariko ntagira urukundo, noba ncitse umuringa uvuga, cank’ icuma kivuzwa kigasāma. 2#Mat 7:22; 17:20.Kandi naho nogira ingabire yo kuvugishwa n’Imana, nkamenya amabanga yose, n’ubgenge bgose, kandi naho nogira ukwizera kwose, ngashobora gukūrah’ imisozi, ariko ntagira urukundo, noba nd’ ubusa. 3#Mat 6:2.Kandi naho notanga ivyanje vyose, ngo ngaburire aboro, kandi naho notanga umubiri wanje ngo nturirwe, ariko ntagira urukundo, nta co vyommarira.
4Urukundo rurihangana, rugira neza, urukundo ntirugira ishari, urukundo ntirwihayagiza, ntirwihimbaza, 5#Zek 8:17; Flp 2:4.ntirukora ibiteye isoni, ntirurondera ivyarwo, ntirwiciraho, ntirwiyumvira ikibi ku bantu, 6#Rom 12:9.ntirunezererwa ukugabitanya kw’abandi, ariko runezeranwa n’ukuri: 7#Imig 10:12; 1 Kor 9:12; Rom 15:1.rurenzako muri vyose, rwizera vyose, rwizigira vyose, rwihanganira vyose.
8 # 1 Pet 4:8. Urukundo nta ho rushira. Ukuvugishwa n’Imana kuzokūrwaho, ukuvuga izindi ndimi kuzogira iherezo, ubgenge buzokūrwaho. 9Kuko tuzi agace, kandi tuvugishwa n’Imana agace, 10ariko, ah’ igihingūye kizoshikira, ivy’ agace bizokūrwaho. 11Nkir’u mwana mutoya, navuga rwana, niyumvira rwana, nibgira rwana. Mmaze gukura, mva mu vy’ ubgana. 12#2 Kor 5:7; Yak 1:23.Kuk’ ubu turābira mu cirore ivyijiji, arikw ico gihe tuzorāba nk’abarābana imbonankubone. Ubu nzi agace, arikw ico gihe nzomenya rwose nk’uko namenywe rwose. 13#1 Tes 1:3; 1 Yoh 4:16.None rero hagumyeh’ ukwizera, n’ivyizigiro, n’urukundo, ivyo ukw ari bitatu: arikw ikibiruta n’urukundo.

Currently Selected:

1 Ab’i Korinto 13: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in