1 Ab’i Korinto 12
12
Ingabire za Mpwemu zir’ uburyo bginshi
1Bene Data, ivy’ ingabire za Mpwemu, singomba ko mutabimenya. 2#Hab 2:18, 19.Murazi yuko mukir’ injabuka mwakwegwa, mukaja ku bigirwamana bitazi kuvuga, nk’uko mwabikwegeweko. 3#Mrk 9:39; Mat 7:21; 1 Yoh 4:2, 3.Ni co gituma mbamenyesha yukw ata muntu avugishwa na Mpwemu w’Imana, avuga ati Yesu n’ikivume: kand’ ata muntu ashobora kuvuga, ati Yesu n’Uhoraho, atabivugishijwe na Mpwemu Yera.
4 #
Rom 12:6; Ef 4:4. Yamara harih’ ingabire z’uburyo bginshi, ariko Mpwemu n’umwe. 5#Ef 4:11.Kandi har’ amabango menshi, arik’ Umwami n’umwe. 6Kandi harih’ uburyo bginshi bgo gukora, arikw Imana n’imwe, ikorera vyose muri bose. 7#1 Kor 14:26.Yamara, umuntu wese ahabga ikimwerekanako Mpwemu, kugira ngo bigire ikimazi. 8Kuk’ umwe aheshwa na Mpwemu ijambo ry’ubgenge, uwundi agaheshwa n’uwo Mpwemu ijambo ryo kumenya, 9uwundi agaheshwa n’uwo Mpwemu ukwizera, uwundi agaheshwa n’uwo Mpwemu umwe ingabire zo gukiza indwara, 10#1 Kor 14:5; Ivyak 2:4.uwundi agahābga gukora ibitangaza, uwundi agahabga kuvugishwa n’Imana, uwundi agahabga kurobanura impwemu, uwundi agahabga kuvuga indimi nyinshi, uwundi agahabga gusobanura indimi: 11#Rom 12:3; Ef 4:7; 1 Kor 7:7.arikw ivyo vyose uwo Mpwemu umwe ni we abikorera muri bo, agabira umuntu wese ukw agomba.
Umubiri wa Kristo
12 #
1 Kor 10:17. Nk’uk’ umubiri ar’ umwe, ukagira ingingo nyinshi, kand’ ingingo z’umubiri zose nah’ ari nyinshi ar’ umubiri umwe, ni ko na Kristo ari. 13#Gal 3:28.Kuko muri Mpwemu umwe, twese ari ho twabatijwe ngo tube umubiri umwe, naho boba Abayuda cank’ Abagiriki, naho boba abagurano cank’ abidegemvya. Kandi twese twanyweshejwe Mpwemu umwe.
14Umubiri s’urugingo rumwe, ariko ni nyinshi. 15Ikirenge covuga, kiti Ko ntar’ ikiganza sind’ uwo ku mubiri; ivyo ntivyotuma kitaba ico ku mubiri. 16Kand’ ugutwi kwovuga, kuti Ko ntar’ ijisho, sind’ uwo ku mubiri; ivyo ntivyotuma kutaba ukwo ku mubiri. 17Iy’ umubiri wose uba ijisho, kwumva kwobaye hehe? Iyo wose uba kwumva, kumoterwa kwobaye hehe? 18Ariko noneh’ Imana yashizeh’ ingingo z’umubiri, urugingo rwose aho yagomvye. 19Kand’ iyo zose ziba urugingo rumwe, umubiri wobaye hehe? 20Ariko noneho, ingingo ni nyinshi, umubiri ukaba umwe. 21Ijisho ntiryoshobora kubarira ikiganza, ngo Nta co ummariye; cank’ umutwe kubarira ibirenge, ngo Nta co mummariye. 22Ariko bir’ ukundi rwose: ingingo z’umubiri ziyumvirwa kw ar’ iz’ intege nke inyuma y’izindi, ni zo zitōhara; 23kand’ izo ku mubiri twiyumvira ko zidafise icubahiro, ni zo zirushiriza kuronka icubahiro: kand’ ingingo zacu ziteye isoni ni zo zirushiriza gusharizwa. 24Yamar’ izidateye isoni ntizirinda kwambikwa: arikw Imana yafatanije umubiri hamwe, urugingo rukennye icubahiro iruha icubahiro kirushiriza, 25kugira ng’umubiri ntiwireme ibice, arikw ingingo zibabarane kumwe. 26Kand’ urugingo rumwe iyo rubabaye, ingingo zose zirababazanywa na rwo: cank’ iy’ urugingo rumwe ruhawe icubahiro, ingingo zose zihimbaranwa na rwo.
27 #
Rom 12:5; Ef 5:30. Namwe mur’ umubiri wa Kristo, kand’ umuntu wese wo muri mwebge n’urugingo rwawo. 28#Ef 4:11, 12.Kand’ Imana yabanje gushira mw ishengero bamwe kuba intumwa, maz’ aba kabiri ibashiraho kuba abavugishwa na yo, maz’ aba gatatu, ibashiraho kuba abigisha, maz’ ishirah’ abakora ibitangaza, maz’ ishirah’ abāhawe ingabire zo gukiza indwara, n’abāhawe gufasha abandi, n’abāhawe kurōngōra, n’abāhawe kuvuga indimi nyinshi. 29Mbega bose n’intumwa? Bose n’abavugishwa n’Imana? Bose n’abigisha? Bose bakora ibitangaza? 30Bose bafise ingabire zo gukiza indwara? Bose bavuga izindi ndimi? Bose basobanura indimi? 31#1 Kor 14:1.Ariko mwifuze cane ingabire ziruta izindi. Kandi ndabereka inzira irushiriza kuba nziza.
Currently Selected:
1 Ab’i Korinto 12: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967