1
Itanguriro 22:14
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Aburahamu yita aho hantu “UHORAHO azovyizanira”. Gushika n’uno musi abantu baracavuga bati: “Ku musozi w’Imana, iravyizanira.”
Compare
Explore Itanguriro 22:14
2
Itanguriro 22:2
Imana iti: “Jana umuhungu wawe, umuhungu wawe w’ikinege Isaka ukunda cane, uje mu ntara ya Moriya, hanyuma umutange nk’ikimazi gituriwe ku musozi nzokwereka.”
Explore Itanguriro 22:2
3
Itanguriro 22:12
Aramubwira ati: “Ntugire ico ugira uwo mwana canke ngo umukomeretse, kuko ubu ndabonye neza ko wubaha Imana, kuko ntiwanyimye n’umwana wawe, kandi ari ikinege.”
Explore Itanguriro 22:12
4
Itanguriro 22:8
Aburahamu aramwishura ati: “Imana iraja kwironkera intama yo gutangako ikimazi, mwana wanje.” Nuko barabandanya.
Explore Itanguriro 22:8
5
Itanguriro 22:17-18
nzoguhezagira vy’ukuri kandi nzogwiza uruvyaro rwawe nk’inyenyeri zo kw’ijuru canke nk’umusenyi wo ku kiyaga. Bazokwigarurira ibisagara vy’abansi babo, kandi amahanga yose yo kw’isi azohezagirwa biciye ku ruvyaro rwawe, kuko wanyumviye.”
Explore Itanguriro 22:17-18
6
Itanguriro 22:1
Haheze igihe, Imana igerageza ukwizera kwa Aburahamu. Iramuhamagara iti: “Aburahamu!” Na we ati: “Sabwe.”
Explore Itanguriro 22:1
7
Itanguriro 22:11
Ariko umumarayika w’UHORAHO amuhamagara ari mw’ijuru ati: “Aburahamu! Aburahamu!” Na we ati: “Sabwe!”
Explore Itanguriro 22:11
8
Itanguriro 22:15-16
Wa mumarayika w’UHORAHO ahamagara Aburahamu ubugira kabiri ari mw’ijuru, aramubwira ati: “Indahiro ni jewe nyene, ni ko UHORAHO avuze: ko wanyumviye ntunyime umwana wawe kandi ari ikinege
Explore Itanguriro 22:15-16
9
Itanguriro 22:9
Bashitse mu kibanza Imana yamubwiye, Aburahamu yubaka igicaniro, agishirako za nkwi. Hanyuma afata Isaka umuhungu wiwe aramuboha, amuryamika kuri ca gicaniro hejuru ya za nkwi.
Explore Itanguriro 22:9
Home
Bible
Plans
Videos