ngw amaso y’imitima yanyu yihweze, kugira ngo mumenye ivyo mwizigizwa n’uguhamagara kwayo ivy’ ari vyo, mumenye n’itunga ry’ubgiza bg’ishamvu ifise mu bera, mumenye n’ubginshi buhebuje bg’ubushobozi bgayo ikoreshereza muri twebge abizera, nk’uko kwa gukora kw’ububasha bg’ubushobozi bgayo kungana, ukwo yakoreye muri Kristo, hamwe yamuzura mu bapfuye, ikamuvyagiza i buryo bgayo ahantu ho mw ijuru, imushize hejuru cane y’ubukuru bgose n’ububasha bgose n’ubushobozi bgose n’ubgami bgose n’izina ryose rivugwa, si mur’ iki gihe gusa, ariko no mu kizoza.