1
2 Ab’i Korinto 4:18
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
RUN1967
Natwe ntiturāba ku biboneka, ariko turāba ku bitaboneka: kukw ibiboneka ar’ ivy’ igihe gito, arikw ibitaboneka bikaba ivy’ ibihe bidashira.
Compare
Explore 2 Ab’i Korinto 4:18
2
2 Ab’i Korinto 4:16-17
Ni co gituma tutihebura; ariko, nah’ umuntu wacu wo ku rukoba arikw arabora, umuntu wacu w’imbere yama ahinduka musha uko bukeye. Kukw amarushwa yacu ahwahutse y’akanya ka none yiyongeranije cane kudushikiriza ubgiza buremereye bg’ibihe bidashira.
Explore 2 Ab’i Korinto 4:16-17
3
2 Ab’i Korinto 4:8-9
Dusugerezwa impande zose, ariko ntidushika mu mbombane; turazazanirwa, ariko ntituranduka umutima; turahamwa, ariko ntiduhebga; dukubitwa hasi, ariko ntitugwaho
Explore 2 Ab’i Korinto 4:8-9
4
2 Ab’i Korinto 4:7
Ariko dufise ubgo butunzi mu nzavya z’ibumba, ng’ ubushobozi buhebuje bube ubg’ Imana, butavuye kuri twebge.
Explore 2 Ab’i Korinto 4:7
5
2 Ab’i Korinto 4:4
ni bo batizera, bamwe imana y’iki gihe yahumye imitima, ng’umuco ntubākire w’ubutumwa bg’ubgiza bga Kristo, ni we shusho y’Imana.
Explore 2 Ab’i Korinto 4:4
6
2 Ab’i Korinto 4:6
Imana, imwe yavuze ng’ Umuco wāke, uvuye mu mwiza, ni yo yākiye mu mitima yacu, kwerekana umuco, ni wo kumenya ubgiza bg’Imana buri mu nyonga ha Yesu Kristo.
Explore 2 Ab’i Korinto 4:6