Itanguriro 16

16
Ivuka rya Ishimayeli
1Sarayi muka Aburamu, ntiyari bwashobore kuvyarana na we umwana. Ariko yari afise incoreke y’Umunyegiputakazi yitwa Hagari. 2Nuko Sarayi abwira Aburamu ati: “Uhoraho ntiyashatse ko ndonka umwana. None genda uryamane n’umuguranokazi wanje. Hari n’aho vyokunda nkaronka abana biciye kuri we.”
Nuko Aburamu yumvira Sarayi umugore wiwe. 3Sarayi umugore wa Aburamu afata Hagari ya ncoreke y’Umunyegiputakazi, umuha Aburamu umugabo wiwe nk’umugore. Ivyo vyabaye Aburamu amaze imyaka icumi aba mu gihugu c’i Kanani. 4Nuko Aburamu aryamana na Hagari, na we aca asama inda.
Hagari amaze kumenya ko yibungenze, atangura gusuzugura inabuja Sarayi. 5Sarayi abwira Aburamu ati: “Nimba ndiko ndasuzugurwa ni ikosa ryawe! Naguhaye incoreke yanje nk’umugore, none amaze kubona ko yibungenze, aratanguye kunsuzugura. Uhoraho ni we akwiye guca urubanza hagati yanje nawe!”
6Aburamu aramwishura ati: “None ko ari incoreke yawe, mugirire ico ushaka.” Nuko Sarayi aca atangura gufata Hagari nabi cane ku buryo ahava akiyomora.
7Umumarayika w’Uhoraho araza asanga Hagari hafi y’iriba mu bugaragwa; iryo riba ryari hafi y’inzira ija i Shuri. 8Aramubaza ati: “Hagari, ncoreke ya Sarayi, uva he, ukaja he?”
Aramwishura ati: “Ndiko ndahunga mabuja Sarayi.”
9Wa mumarayika w’Uhoraho aramubwira ati: “Subira kwa nyokobuja, uce bugufi imbere yiwe.” 10Yongerako ati: “Nzogwiza uruvyaro rwawe ku buryo rutazoharurika.”
11Wa mumarayika w’Uhoraho yongera aramubwira ati:
“Uribungenze,
kandi uzovyara umuhungu.
Uze umwite Ishimayeli#16:11 Ishimayeli risigura ngo Imana irumva.,
kuko Uhoraho yumvise ijwi ry’umubabaro wawe.
12Uwo mwana azomera nk’indogoba y’inyeshamba;
azohangana n’abantu bose
kandi abantu bose bazohangana na we,
kandi azokwankana
n’abavukanyi biwe bose.”
13Hanyuma y’ivyo, Hagari yita izina Uhoraho yari ahejeje kuvugana na we. Aravuga ati: “Uri Eli Royi, Imana imbona,” kuko yavuga ati: “Ni ivy’ukuri ndabonye Imana y’indavyi.” 14Ni co gituma iryo riba baryise Beyeri-Lahayi-Royi bisigura “Iriba ry’Imana nzima imbona”. Iryo riba riri hagati ya Kadeshi na Beredi.
15Nuko Hagari avyarana na Aburamu umuhungu, Aburahamu aca amwita Ishimayeli. 16Ico gihe Hagari yavyara Ishimayeli, Aburamu yari afise imyaka mirongo umunani n’itandatu.

ទើបបានជ្រើសរើសហើយ៖

Itanguriro 16: BKC

គំនូស​ចំណាំ

ចែក​រំលែក

ចម្លង

None

ចង់ឱ្យគំនូសពណ៌ដែលបានរក្សាទុករបស់អ្នក មាននៅលើគ្រប់ឧបករណ៍ទាំងអស់មែនទេ? ចុះឈ្មោះប្រើ ឬចុះឈ្មោះចូល