1
Matayo 18:20
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Kuko aho babiri canke batatu bakoraniye mw’izina ryanje, nanje mba ndi hagati muri bo.”
مقایسه
Matayo 18:20 را جستجو کنید
2
Matayo 18:19
Kandi, ndababwira ukuri ko babiri muri mwebwe nibahuriza inama kw’isi gusaba ikintu ico ari co cose, Data wo mw’ijuru azokibakorera.
Matayo 18:19 را جستجو کنید
3
Matayo 18:2-3
Yesu aca ahamagara umwana mutoya, amuhagarika hagati yabo. Hanyuma ababwira ati: “Ndababwire ukuri, mudahindutse ngo mumere nk’abana bato, ntimuzokwigera mwinjira mu Bwami bw’ijuru.
Matayo 18:2-3 را جستجو کنید
4
Matayo 18:4
Kandi umuntu wese yicisha bugufi nk’aka kana ni we mukuru mu Bwami bw’ijuru.
Matayo 18:4 را جستجو کنید
5
Matayo 18:5
Umuntu wese yakira umwana muto mw’izina ryanje ni jewe aba yakiriye.
Matayo 18:5 را جستجو کنید
6
Matayo 18:18
Ndababwire ukuri, ico muzoboha kw’isi cose kizoba kiboshwe no mw’ijuru, kandi ico muzobohora kw’isi cose kizoba kibohowe no mw’ijuru.
Matayo 18:18 را جستجو کنید
7
Matayo 18:35
Uko ni ko na Data wo mw’ijuru azobagirira nimutaharira bene So bivuye ku mitima.”
Matayo 18:35 را جستجو کنید
8
Matayo 18:6
Nihagira umuntu atuma umwe muri aba bato banyizera acumura, ikimukwiye ni uko yoboherwa urusyo kw’izosi, agakororerwa i bwina mu kiyaga.
Matayo 18:6 را جستجو کنید
9
Matayo 18:12
Mbega ndababaze: umuntu atunze intama ijana hanyuma imwe muri zo ikazimira, yokora iki? Ntiyosiga mirongo icenda n’icenda ku musozi akaja kurondera iyo imwe yazimiye?
Matayo 18:12 را جستجو کنید
خانه
كتاب مقدس
برنامههای مطالعه
ویدیوها