YouVersion Logo
Search Icon

Zakariya 9

9
Urubanza ruzocirwa abansi ba Isirayeli
1Ivyavugishijwe Zakariya:
Ijambo ry’Uhoraho ryarumvikanye ryo kwagiriza igihugu ca Haduraki
kandi rizoza kuruhukira kuri Damasiko,
kuko inyonga z’Uhoraho ziri ku bantu bose hamwe n’imiryango
yose y’Abisirayeli,
2ziri no kuri Hamati na ho nyene, ahahana urubibe na ho,
no kuri Tiro n’i Sidoni, naho bazi ubwenge bwinshi.
3Tiro hiyubakiye uruzitiro;
hirundaniriza ifeza nk’umukungugu,
n’inzahabu nk’umwavu wo mu mabarabara.
4Ariko Imana izojana ubutunzi bwaho bwose
kandi izosenyurira inkomezi zaho mu kiyaga,
kandi hazotongozwa umuriro.
5Igisagara Ashikeloni kizobibona gitinye;
i Gaza bazohinda agashitsi kubera ubwoba,
na Ekuroni na ho nyene,
kuko ivyizigiro vyaho bizoba biheze.
Gaza hazobura umwami waho
kandi Ashikeloni na ho hazosigara ari ubugaragwa.
6Abantu b’ibivyarwa ni bo bazokwibera muri Ashidodi,
kandi nzomara ubwibone Abafilisitiya.
7Nzokura inyama zikirimwo amaraso mu minwa yabo,
nkure n’ivyokurya baterekereye ibigirwamana mu menyo yabo.
Abasigaye bazoba inyegu y’Imana yacu
kandi bazohinduka umuryango umwe wa Yuda,
kandi n’abo muri Ekuroni bazohinduka nk’Abayebusi.
8Ariko jewe nzoshira ikirindiro canje ku rusengero rwanje
ngo ndarurinde ingabo zoza kurutera.
Nta wucinyiza azosubira guca mu bantu banje,
kuko ndaharinze.
Ukuza kw’Umwami w’i Siyoni
9Nezerwa cane Mukobwa w’i Siyoni!
Ushire ijwi ryawe hejuru, Mukobwa w’i Yerusalemu!
Raba, umwami wawe arakugendeye,
ni umugororotsi kandi afise intsinzi,
yicishije bugufi kandi agendera ku ndogoba,
mbere aje ku nyana yayo.
10Nzokuraho imikogote muri Efurayimu
n’amafarasi y’intambara ndayakure muri Yerusalemu,
nzovunagura n’imiheto yo ku rugamba.
Azovuga ivy’amahoro mu mahanga.
Ukuganza kwiwe kuzova ku kiyaga gushike ku kindi
no kuva ku ruzi Efurate gushika ku mpera z’isi.
11Ariko mweho, kubera amaraso yanje y’isezerano dufitaniye,
nzobarekurira imbohe zanyu ndazikure mu rwobo rutagira amazi.
12Nimugaruke mu kibanza muzigamirwamwo, yemwe mbohe ziri n’ivyizigiro;
mbere n’ubu ndabamenyesheje ko nzobashumbusha incuro zibiri imibabaro.
13Nzogonda i Buyuda nk’uko bagonda umuheto
maze Efurayimu ndabahindure nk’umwampi.
Nzokabura abahungu bawe, ewe Siyoni,
ngo batere abahungu bawe, ewe Bugiriki,
nzobagira nk’inkota y’umuhizi.
Uhoraho azoseruka
14Maze Uhoraho azoseruka hejuru y’abantu biwe;
umwampi wiwe uzorabagirana nk’umuravyo.
Uhoraho Nyeninganji azovuza inzamba;
azogendera mu bihuhusi nk’ivy’umuyaga wo mu bumanuko,
15kandi Uhoraho Mushoboravyose azobabera inkinzo ibakingira.
Bazosangangura
bongere batsinde abansi babo bakoresheje amabuye atereshwa umugozi.
Bazokwiha akamo mu ntambara nk’ababorewe umuvinyu;
bazoba buzuye amaraso nk’uko igikombe
gikoreshwa mu gucucagira imfuruka z’igicaniro.
16 Uhoraho Imana yabo azotabara abantu biwe kuri uwo musi
nk’uko umwungere atabara imikuku yiwe.
Bazokayangana mu gihugu ciwe
nk’amabuye y’igiciro ari ku rugori.
17Ese ukugene bazoba ari beza kandi bateye igomwe!
Ingano zizotuma abasore bakura,
kandi n’umutobe ni ko uzobera abakobwa.

Currently Selected:

Zakariya 9: BKC

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in