10
Uhoraho azokwitaho i Buyuda
1Nimusabe Uhoraho imvura mu gihe c’impeshi;
Uhoraho ni we aganza ibicu n’imituragaro.
Atanga imvura y’umuvuvu ku bantu bose,
akameza ibiterwa bitotahaye mu mirima y’umuntu wese.
2Ibigirwamana bivuga ibinyoma,
abahamagara imizimu berekwa ibinyoma.
Barotora inzozi z’ibinyoma,
bakaremesha abantu mu vy’ubusabusa.
Ni co gituma abantu basanzara hirya no hino nk’intama
zihahazwa kubera kubura umwungere.
3“Uburake bwanje buri ku bungere,
kandi nzohana abo batware;
kuko Uhoraho Mushoboravyose azokwitwararika
umukuku wiwe, ari bo bantu b’i Buyuda,
abahindure nk’ifarasi y’ubwibone mu ntambara.
4Muri Yuda hazovamwo ibuye rigumya imfuruka,
muri we hazovamwo urumambo rugumya ihema,
muri we hazovamwo umuheto w’intambara,
muri we hazovamwo abatware bose.
5Bose hamwe bazoba nk’abahizi mu ntambara
basiribangira umwansi wabo mu vyondo vyo mu mabarabara.
Bazogwana kuko Uhoraho ari kumwe na bo,
kandi bazotuma abansi babo bagwanira ku mafarasi bamaramara.
6Nzoha inkomezi Yuda
kandi nzotabara imiryango ya Yosefu.
Nzobagarukana
kuko ndabagirira impuhwe.
Nzomera nk’aho
ntigeze ndabaheba,
kuko ndi Uhoraho Imana yabo
kandi nzobishura amasengesho yabo.
7Abefurayimu bazoba nk’abahizi,
kandi imitima yabo izonezerwa nk’ababorewe umuvinyu.
Abana babo bazobibona bahimbarwe;
imitima yabo izonezererwa Uhoraho.
8Nzobahamagara
ndabegeranye.
Vy’ukuri nzobacungura;
bazoba benshi bagwire nka kera.
9Naho nabasanzarije mu mahanga menshi,
bazonyibuka bari mu bihugu vya kure.
Kandi bo n’abana babo bazobaho,
kandi bazogaruka.
10Nzobagarukana ndabakure muri Egiputa
ndabegeranye ndabakuye muri Ashuri.
Nzobazana i Gileyadi n’i Libani,
kandi ntibazoronka aho bakwirwa.
11Bazoca mu kiyaga c’amarushwa;
nzotururuza imipfunda yo mu kiyaga
n’i bwina h’uruzi Nili hazokwuma.
Ubwibone bwa Ashuri buzotururuzwa
n’icumu ry’ubugabe rya Egiputa rizokurwaho.
12Nzobaha inkomezi zivuye k’Uhoraho
kandi mw’izina ryiwe bazobaho mu mutekano,”
ni ko Uhoraho avuze.