8
Uhoraho asezerana guhezagira Yerusalemu
1Iri ni ijambo Uhoraho Mushoboravyose yambariye.
2Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: “Mfise ipfuhe ryinshi ku bwa Siyoni; ndahafitiye ipfuhe rirurumba muri jewe kurya kw’umuriro.”
3Uku ni ko Uhoraho avuze: “Nzogaruka i Siyoni mbe muri Yerusalemu. Maze Yerusalemu hazokwitwa igisagara co kwizigirwa, kandi umusozi w’Uhoraho Mushoboravyose uzokwitwa Umusozi Wera.”
4Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: “Abatama n’abatamakazi bazosubira kandi kugendagenda mu mabarabara y’i Yerusalemu, umwe wese yitwaje inkoni kubera ubusaza. 5Amayira y’igisagara azokwuzura abahungu n’abakobwa bakiniraho.”
6Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: “Naho ivyo womenga biratangaje ku masigarira y’aba bantu muri iki gihe, mbega no kuri jewe vyoba ibitangaje?” ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.
7Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: “Nzokiza abantu banje ndabakure mu bihugu vyo mu buseruko n’ivyo mu burengero. 8Nzobagarukana ngo babe i Yerusalemu; bazoba abantu banje, nanje nzoba umwizigirwa n’umugororotsi kuko ndi Imana yabo.”
9Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: “None rero nimwumve aya majambo: amaboko yanyu nakomere, mwubake urusengero. Ibi ni vyo nyene abavugishwa n’Imana bavuze igihe itanguriro ry’Ingoro y’Uhoraho Mushoboravyose ryashirwaho. 10Imbere y’aho nta muntu yatanga impembo y’umukozi yo ku musi canke ngo akoteshe inka. Nta n’umwe yaja ku bikorwa vyiwe ngo agaruke amahoro kubera abansi, kandi kuko nari nahinduye umwe wese ngo abe umwansi wa mugenziwe. 11Ariko ubu nzogirira amasigarira y’ubu bwoko nk’uko nabagirira kera,” ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.
12“Imbuto zizokura neza, umuzabibu uzokwama ivyamwa vyawo, isi izotuma haba ivyimburwa, n’amajuru azozana ikime cayo. Ivyo vyose nzobiha amasigarira y’aba bantu ngo bibe umwandu wabo. 13Nk’uko mwebwe, Abayuda n’Abisirayeli, mwabaye umuvumo mu mahanga, ni ko nzobakiza, kandi muzoba umugisha. Ntimutinye, ahubwo amaboko yanyu nakomere.”
14Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: ati: “Nk’uko nafashe ingingo yo kubateza ivyago no kutabagirira akagongwe igihe ba sogokuruza banyu bandatsa,” ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze, 15“ni ko n’ubu mfashe ingingo yo gusubira kugirira neza Yerusalemu n’i Buyuda. Ntimutinye. 16Ibi ni vyo mukwiye gukora: muvugane ukuri na bagenzi banyu, kandi muce imanza z’ukuri kandi zibereye mu bucamanza bwanyu; 17ntimugire inama zo kugirira bagenzi banyu nabi, kandi ntimukunde kurahira ibinyoma. Ivyo ndavyanka,” ni ko Uhoraho avuze.
18Maze ijambo ry’Uhoraho Mushoboravyose rinzako.
19Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: “Ukwisonzesha no kugandara vyo mu kwezi kugira kane n’ukugira gatanu n’ukw’indwi n’ukw’icumi, ubu birarangiye, bihindutse imisi mikuru y’umunezero ku Bayuda. Nuko rero mukunde ukuri n’amahoro.”
20Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: “Amoko menshi n’ababa mu bisagara vyinshi bazoza, 21ababa mu gisagara kimwe bazoja mu kindi babwirane bati: ‘Ingo tujane gutazira no kwambaza Uhoraho Mushoboravyose. Jewe ubwanje ndagiye.’ 22Kandi amoko menshi n’amahanga ahambaye azoza i Yerusalemu kurondera Uhoraho Mushoboravyose kugira ngo amusabe umuhezagiro.”
23Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: “Muri iyo misi abantu cumi bo mu ndimi zose n’amahanga bazofata Umuyuda umwe ku buyonga bw’impuzu yiwe bavuge bati: Reka tujane nawe, kuko twumvise ko Imana iri kumwe namwe.”