7
Imanza ziroranye no kugira imbabazi, aho kwisonzesha
1Mu mwaka ugira kane umwami Dariyusi ari ku ngoma, ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Zakariya ku musi ugira kane w’ukwezi kw’icenda, ari kwo Kisilevu. 2Abantu b’i Beteli bari batumye Sharezeri na Regemu-Meleki, hamwe n’abantu babo, ngo babasigurize Uhoraho 3mu kubaza abaherezi bo mu Ngoro y’Uhoraho Mushoboravyose n’abavugishwa n’Imana ngo: “Tuzobandanya kuboroga no kwisonzesha mu kwezi kugira gatanu, nk’uko twagumye tubigira muri iyi myaka yose ishize, twibuka umusi urusengero rwasamburwa?”
4Nuko Uhoraho Mushoboravyose yongera kumbwira ijambo ati: 5“Baza abantu bo mu gihugu hamwe n’abaherezi uti: ‘Hamwe mwisonzesha mukaboroga mu kwezi kugira gatanu no mu kugira indwi muri iyi myaka iheze uko ari mirongo indwi, mbega harya vy’ukuri mwisonzesha ku bwanje? 6Kandi igihe mwarya mukanywa, ntimwaba muriko murinezereza mwebwe ubwanyu? 7Mbega aya si yo majambo Uhoraho yabamenyesheje ayacishije mu bo yavugisha ba kera igihe Yerusalemu n’ibisagara vyari bihakikije vyari mu mutekano kandi vyuzuye ubutunzi, na Negebu n’ibiyaya vyaho bikirimwo abantu?’ ”
8Maze ijambo ry’Uhoraho ryongera kuza kuri Zakariya riti: 9“Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: ‘Nimuce imanza zibereye; mugire imbabazi mubabarane. 10Ntimucinyize umupfakazi n’impfuvyi, inyambukira canke umukene. Ntimugire inama yo kugirira abandi nabi.’
11Ariko banka kwumva; bakomantaza imitima yabo bantera ibitugu biziba amatwi. 12Imitima yabo barayikomantaza bayigira nk’ibuye ntibumvira ivyagezwe n’amajambo y’Uhoraho Mushoboravyose yari yabatumyeko akoresheje Mpwemu wiwe yavugisha abavugishwa biwe ba kera. Ni co catumye Uhoraho Mushoboravyose araka cane.
13‘Aho nahamagara, ntibanyumvirije; ni co catumye igihe bahamagara, nanje ntabumvirije,’ ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze. 14‘Nabasanzarishije agashururu mu mahanga yose, aho babaye inyambukira. Igihugu bavuyemwo casigaye ari imisaka ku buryo ata muntu yagicamwo. Uko ni ko bahinduye imisaka ico gihugu c’igikundiro.’ ”