YouVersion Logo
Search Icon

Zakariya 3

3
Imyambaro itanduye y’Umuherezi mukuru
1Maze anyereka Yosuwa umuherezi mukuru ahagaze imbere y’umumarayika w’Uhoraho, na Satani ahagaze i buryo bwiwe ngo amwagirize. 2Uhoraho abwira Satani ati: “Uhoraho aguhane, Satani! Uhoraho, yitoranirije Yerusalemu, aguhane! Mbega uwu muntu ntameze nk’igishirira cokowe kiva mu muriro?”
3Kandi Yosuwa yari yambaye impuzu zanduye ahagaze imbere y’umumarayika. 4Uwo mumarayika abwira abari bahagaze imbere yiwe ati: “Nimumwambure izo mpuzu zanduye.”
Maze abwira Yosuwa ati: “Raba, ndagukuyeko icaha cawe, kandi ngira nkwambike impuzu nziza.”
5Maze ndavuga nti: “Nimumwambike n’igitambara ciza mu mutwe.” Nuko baca bamwambika igitambara ciza mu mutwe, mu gihe umumarayika w’Uhoraho yari agihagaze ngaho.
6Umumarayika w’Uhoraho abwira Yosuwa aya majambo ati: 7“Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: ‘Niwamwumvira ukitondera ivyo yihanikirije, uzoganza Ingoro yiwe kandi azokuzeza abo mu rugo rwiwe, kandi azoguha ikibanza hagati y’aba bahagaze ngaha.’ ”
8“Niwumve yewe Yosuwa umuherezi mukuru, wewe na bagenzi bawe bicara imbere yawe, mukaba ikimenyetso c’ibizoza. Ngiye kuzana umusavyi wanje, yitwa Shami.” 9Raba ibuye nashize imbere ya Yosuwa! Iryo buye rifise impande indwi, kandi nzokwandika kuri iryo buye ibikwiye kwandikwako, ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze; kandi nzokuraho icaha c’iri hanga ku musi umwe gusa.
10“ ‘Kuri uwo musi, umwe wese muri mwebwe azotumira umubanyi wiwe ngo bicarane musi y’umuzabibu n’umusukoni wiwe,’ ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.”

Currently Selected:

Zakariya 3: BKC

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in