YouVersion Logo
Search Icon

Zakariya 11

11
1Ugurura amarembo yawe, ewe Libani,
kugira ngo umuriro utongore amasederi yawe!
2Nimuboroge, yemwe biti vy’ubujwari, kubera amasederi yiciwe;
ibiti biteye igomwe vyaguye hasi!
Nimuboroge, yemwe biti binini cane vy’i Bashani;
kuko ishamba ryari rizitanye ryatemwe!
3Umviriza ukuboroga kw’abungere;
kuko uburagiro butotahaye bwabo bwakuweho!
Umviriza ukuroha kw’intambwe;
kuko ubwihisho bwazo bwo kuri Yorodani bwakuweho.
Abungere babiri
4Uku ni ko Uhoraho Imana yanje avuze: “Ragira umukuku wagerewe gukererwa. 5Abaziguze barazikerera bakigira badahanywe. Abazigurishije na bo bakavuga bati: ‘Uhoraho ahimbazwe, turi abatunzi!’ N’abungere bazo ubwabo ntibaruha bazigirira akagongwe. 6Ni nk’uko nyene, sinzosubira kugirira akagongwe abantu b’iki gihugu,” ni ko Uhoraho avuze. “Nzotanga umuntu wese mu maboko y’abagenzi biwe n’umwami wabo. Bazotabagura igihugu, kandi sinzotabara n’umwe ngo ndamubakure mu maboko.”
7Nuko nca ndagira wa mukuku wagerewe kubagwa, canecane izihahazwa zo mu mukuku. Maze nca nakira inkoni zibiri, imwe ndayita Buntu iyindi Bumwe, maze nca ngenda kuragira wa mukuku. 8Mu kwezi kumwe nca nirukana abungere bawo batatu.
Wa mukuku uca uranyanka, nanje ndushaho kugenda ndawurambirwa 9maze ndavuga nti: “Sinzoba umwungere wanyu. Reka iyiriko irapfa ipfe, iyo kwicwa na yo yicwe. Izisigaye na zo ziryane zihezanye ubwazo.”
10Nuko mfata ya nkoni yitwa Buntu ndayivunamwo kubiri, kugira ngo nerekane ko nkuyeho isezerano nasezeranye n’amahanga yose. 11Rica rikurwaho kuri uwo musi nyene, maze izacinyijwe zo mu mukuku zariko zirandaba zica zimenya ko ari ijambo ry’Uhoraho.
12Ndazibwira nti: “Nimba bibabereye vyiza, nimumpe impembo yanje; ariko bitari uko, nimuyigumye.” Nuko bampemba ibiceri vy’ifeza mirongo itatu.
13Maze Uhoraho arambarira ati: “Yaterere umubumvyi,” ico giciro ciza babonye ko nkwiye! Nuko nca mfata vya biceri vy’ifeza mirongo itatu ndabiterera umubumvyi mu Ngoro y’Uhoraho.
14Ndaheza mvuna ya nkoni igira kabiri yitwa Bumwe, mba mvunye ubumwe hagati ya Yuda na Isirayeli.
15Maze Uhoraho arambarira ati: “Subira wakire ibikoresho vya wa mwungere w’igipfu. 16Kuko ngiye guhagurutsa umwungere w’iki gihugu atazobabara izazimiye, canke ngo arondere imyagazi, canke ngo avure izakomeretse, canke ngo agaburire izikomeye. Ahubwo azorya inyama z’intama z’indobanurwa, kugeza no ku binono.
17Aragowe uwo mwungere w’igipfu ata co amaze,
uwo ata umukuku!
Aragakubitwa inkota ku kuboko no ku jisho ry’i buryo!
Ukuboko kwiwe nikunyunyuke rwose,
ijisho ryiwe ry’i buryo na ryo rihume rwose!”

Currently Selected:

Zakariya 11: BKC

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in