Mika 5
5
Umutware yasezeranywe azova i Betelehemu
1Egeranya ingabo zawe, yewe wa gisagara c’ingabo,
kuko umwansi akwugarije.
Bazokubita umutware wa Isirayeli,
bazomukubita inkoni kw’itama.
2“Ariko wewe Betelehemu Efurata,
naho uri muto mu bisagara vy’umuryango wa Yuda,
muri wewe hazomviramwo
uwuzoganza Abisirayeli,
kandi amamuko yiwe ni aya kera,
yamyeho uhereye mu bihe vya kera.”
3Nuko rero Abisirayeli bazoba akahebwe
kugeza igihe umugore ari ku bise azovyarira umuhungu,
n’abasigaye mu bavukanyi biwe bakagaruka
bakifatanya n’Abisirayeli.
4Azohaguruka aragire umukuku wiwe
ari mu nkomezi z’Uhoraho,
mu cubahiro c’izina ry’Uhoraho Imana yiwe.
Maze bazokwibera amahoro, kuko muri ico gihe ubukuru bwiwe
buzoshika no ku mpera z’isi.
5Kandi ni we azoba amahoro yacu
aho Abashuri bazoterera igihugu cacu
bakagendagenda mu nzitiro zacu.
Tuzohagurutsa abungere indwi bo kubagwanya,
mbere ni abagabisha umunani,
6bazoganzisha inkota igihugu c’i Ashuri,
igihugu ca Nimurodi bakiganzishe inkota isokoye.
Azodukiza Abashuri
aho bazoterera igihugu cacu
bakajabuka imbibe zaco.
7Amasigarira y’aba Yakobo azoba
hagati mu mahanga menshi
nk’urume ruvuye k’Uhoraho,
nk’imvura iguye ku vyatsi,
itarinda kurindira umuntu n’umwe
canke ngo igire umuntu ayitegeka.
8Amasigarira y’aba Yakobo azoba mu moko menshi,
hagati mu mahanga menshi,
nk’intambwe mu bikoko vyo mw’ishamba,
nk’umugunza w’intambwe mu mikuku y’intama,
iyo irenganye itabagura yongera isiribanga,
ata muntu wo gutabara.
9Ukuboko kwawe kuzoshirwa hejuru ngo kuneshe abansi bawe,
kandi abakugwanya bazoherengetera.
10“Kuri uwo musi,” ni ko Uhoraho avuze,
“Nzoherengeteza amafarasi hagati muri mwebwe
nsambure imikogote yawe.
11Nzosambura ibisagara vyo mu gihugu cawe
nsenyurire hasi inzitiro zawe.
12Nzoherengeteza ubupfumu bwawe
kandi ntuzosubira kuragura.
13Nzoherengeteza ibigirwamana vyawe
n’inkingi z’amabuye zawe nzozikura muri wewe.
Ntuzoba ucikubita imbere
y’ibikorwa vy’intoke zawe.
14Nzorandura muri wewe inkingi za Ashera
aho nzosamburira ibisagara vyawe.
15Nzokwihorana uburake n’ubushangashirwe
amahanga atanyumviye.”
Currently Selected:
Mika 5: BKC
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.