YouVersion Logo
Search Icon

Mika 3

3
Imana ihambarira abatware n’abavugishwa
1Maze ndavuga nti:
“Nimwumve yemwe batware bo mu ba Yakobo,
yemwe barongozi b’Abisirayeli.
Mbega ntimwokwitaho guca imanza zibereye,
2mwebwe mwanka ivyiza mugakunda ibibi;
yemwe ababaga abantu banje mukabakurako urusato
n’inyama mukazikura ku magufa yabo;
3yemwe abarya inyama z’abantu banje,
mubakurako urusato
mukavunagura amagufa yabo;
mukabahimbagura mubakurako inyama muteka mu tubehe,
hamwe n’izo muteka mu nkono.”
4Maze mu nyuma mugatakambira Uhoraho, mutewe n’ivyago
ariko ntabishure.
Muri ico gihe azobahisha mu nyonga hiwe
kubera ibibi mwakoze.
5Uku ni ko Uhoraho avuze:
“Nk’uko biri kuri ba kamenyi
bazimiza abantu banje,
bavuga ‘amahoro’
iyo bafise ico barya,
ariko bagategura intambara yo kugwanya umuntu wese
yanse kubaha ivyo barya.
6Ni co gituma ijoro rizobazako, ntihagire ico mwerekwa,
n’umwijima, ntimugire ico muragura.
Izuba rizocokerera kuri abo bavugishwa,
kandi buzobirirako.
7Ba kamenyi bazomaramara
n’abaragura bazoteterwa.
Bose bazokwitwikira mu maso,
kuko ata kwishurwa kuvuye ku Mana.”
8Ariko jeho, nuzuye inkomezi,
nuzuye Mpwemu w’Uhoraho,
nuzuye uguca imanza zibereye n’ubuhizi,
ngo menyeshe aba Yakobo ibigabitanyo vyabo,
n’Abisirayeli icaha cabo.
9Nimwumve, yemwe batware bo mu ba Yakobo,
yemwe abaganza abandi bo mu Bisirayeli,
mwanka imanza zibereye,
ivy’ukuri mukabinyikiza.
10Siyoni muhubakisha gusesa amaraso,
Yerusalemu mukahubakisha gukora ibibi.
11Abatware baho baca imanza bariye ibiturire,
abaherezi baho bigishiriza kuronka inyungu,
kandi abavugishwa baho baragurira kuronka amahera.
Ariko bakarondera Uhoraho ngo abashigikire bavuga bati:
“Mbega Uhoraho ntari muri twebwe?
Nta cago kizodushikako.”
12Ni co gituma kubera mwebwe,
Siyoni hazorimwa hamere nk’umurima,
Yerusalemu hazoba ikigunguzi c’isakamburira,
umusozi wubatsweko Ingoro na wo uzomerako ibisaka.

Currently Selected:

Mika 3: BKC

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in