2
Imigambi y’abantu inyuranye n’iy’Imana
1Baragowe abategura imigambi y’inabi,
bakiyumvirira ku buriri bwabo imigambi yo gukora ikibi!
Bukeye, bakayishira mu ngiro,
kuko babifitiye ubushobozi.
2Bipfuza amatongo maze bakayiha ku nguvu,
n’amazu, bagaca bayanyaga.
Banyaga abantu amazu yabo,
bakabiba ivyo barazwe.
3Nuko rero, Uhoraho avuze ati:
“Ndiko ndategura ivyago ku bw’aba bantu,
ivyo mudashobora kwikiza.
Ntimuzosubira kugendana ubwibone,
kuko kizoba ari igihe c’amakuba.
4Kuri uwo musi abansi banyu bazobatwenga;
bazobaririmbira iyi ndirimbo y’agacurantimba bati:
‘Turaherengeteye;
ishamvu y’ubwoko bwanje igabuwemwo ibice.
Ehe arayinyatse!
Ayihaye abatujanye nk’inyagano.’ ”
5Nuko rero ntuzoronka n’umwe mw’ikoraniro ry’Uhoraho,
wo kugorora umugozi mu gihe co kugabanganya igihugu mu mashamvu.
Abavugishwa b’ibinyoma
6Ba kamenyi babo bavuga ngo: “Ntuvugishwe!
Ntuvugishwe kuri ivyo;
kuko ivyago ntibizodushikako.”
7Yemwe abakomoka kuri Yakobo, mbega mwovuga ngo:
“Uhoraho vyamunaniye kwihangana?
Mbega yokora ikintu nk’ico?”
Mbega amajambo yanje ntagirira neza
abagenda batunganye?
8Ariko ubu nyene abantu banje barahagurutse
bahagurutse kurya kw’umwansi.
Mwambura amakoti
abantu birenganira ata co binona,
mukabateza umubabaro nk’uw’umuntu agarutse avuye ku rugamba.
9Musohora abagore bo mu bantu banje
mukabakura mu mazu yabo bakunda.
Mukaka umugisha wanje
abana babo ibihe vyose.
10Haguruka, genda!
Kuko ngaha ata buruhukiro bwanyu buriho,
kubera yuko hahumanye,
harasambutse, ku buryo hatakivurwa.
11Haje umubeshi kandi w’umusukanyi akababwira ati:
“Ngomba mvugishwe ko muzoronka umuvinyu n’inzoga nyinshi,”
uwo ni we muvugishwa aba bantu boshima!
Imana isezerana gutabarwa
12“Umusi umwe yewe Yakobo, nzosubira kubegeraniriza hamwe mwese;
ni ukuri nzokwegeranya amasigarira yose y’Abisirayeli.
Nzobazana ndabashire hamwe nk’intama mu ruhongore,
nk’umukuku uri aho urisha;
aha hantu hazosubira kwuzura uruja n’uruza rw’abantu.
13Uwubacira icanzo azoduga ari imbere yabo;
bazomena irembo ry’abansi basohoke.
Umwami wabo azobaja imbere mu gusohoka.
Uhoraho ubwiwe ni we azobarongora.”